1. Igihugu cikukiye kirangwa ni iki?
Turumva muri ino misi, abantu benshi bavuga ukwikukira, kubera uno musi twibuka isabukuru igira 52 Uburundi bwikukiye, ni igihe co kwibukanya insiguro y'iryo jambo, kugira dutegere ico ukwikukira bivuga.
Ukwikukira rero si ibendera canke ururirimbo vyo guhayagiza igihugu gusa. Twovuga ko igihugu kanaka cikukiye koko, igihe, abanyagihugu bitunze, bashobora kuronka ibibatunga batabanje gusegereza, gutega amashi : ni ukuvuga yuko baba bashobora gufungura neza bagahaga ingaburo izana kandi igasasaga amagara mbere bakaraza, bafise uburaro, bashobora kwivuza bose, bakiga bose gushika iyo biyumva. Igihe bafise akaranga kabo karangwa n'imico kama: ururimi ni idini vyabo, igihe koko biyemera batemera kuganzwa n'abanyamahanga, bemera kugwanira igihugu cabo no kucigura bakacigura bibaye ngombwa. Ikindi cerekana ko igihugu cikukiye abanyagihugu baba bafise ijambo, n'igihugu kikagira ijambo n'ijunja mu makungu. Ijambo rero ni ikintu gihambaye. Na demokarasi rero ntishobora gushinga imizi mu gihugu kitarikukira muri iyi nzira tuvuze, abanyagihugu batagira ijambo, ico biha n'aho n'uruvugiro.
Ibindi biranga ukwikukira ni umutima wo gukunda igihugu cabo abanyagihugu berekana mu mikorere yabo igihe cose, ni ubumwe hagati y'abanyagihugu hagati y'intara canke amoko aba akigize. Turashimikira kuri iki kibazo c'ubumwe hagati y'abanyagihugu, kuko ibihugu vyahoze birongoye intwaro z'igikoloni, vyarakoresheje cane amacakubiri canecane y'amoko kugira bitugumize mu bukoloni turiko turaryana, no ngaha mu Burundi murabizi ko babikoreyeko, kandi vyadusizemwo imvune nubu zitarahera neza.
Murabaririkiza ivyaba muri kahise k'igihugu cacu, canecane mu bihe vy'imyaka ya 1934-5; mwongere mubaririkize abana ba mbere baja kwiga muri Astrida iyo bavuye. Hari na vyinshi vyadendekanijwe mu myaka yashira kwikukira!
Igihugu cikukiye rero kiba gifise ingabo zaco zishobora gukingira imbibe zaco, ari naco gituma kitemera yuko ingabo z'ibindi bihugu ziza gucumbika mu gihugu zikahashinga amakambi. N'aho gishira umukono ku masezerano y'ugufashanya mu vyrekeye kwivuna umwansi, kiguma cisunga kandi kigashira imbere ubwigenge bwaco no gukingira beneco.
2. Hambere haheze imbere y'intwaro ya gikoloni vyari bimeze gute iwacu no muri Afirika?
Intwaro za gikoloni muri Afirika zatanguye canecane igihe abazungu baza gufata abanyagihugu benshi babatwara mu bindi bihugu nka Amerika, abahinga babizi baravuga yuko ico gihe Afirika bashobora kuba barayambuye abantu barenga imiliyoni ijana, muri abo 20% nibo bashika, abandi baratakaje ubuzima bwabo batarashika babaterera ingona n'ibifi bikirira. Abamaze imisi baraba ihiganwa ry'umupira w'amaguru ririko ribera mu gihugu ca Brezili ngira baribaza kandi bagategera iyo barya basore birabura bakinira ibihugu vy'Amerika y'epfo bazananye.
Imbere y'intwaro za gikoloni, muri Afirika hariho ibihugu vyikukiye, intwaro nyishi zari iza cami, twovuga nk'igihugu ca Dahomey ubu citwa Benin cari kirongowe n'umwami Behanzin. No hafi yacu hari ibihugu rutura vyari mu ntwaro zitandukanye ariko zigenga; ndetse murazi ko ubwami bwari bukikije Uburundi.
Uburundi cari igihugu ciyubashe, gifise imbibe.
Intwaro ya cami yari itunganijwe kuva hasi gushika hejuru. Intwaro yari ifise ingabo z'umwami zakingira imbibe z'igihugu. Abarundi baragwanye n'inteko zitandukanye zo hanze kandi barazitsinze, kuri Ntare Rugamba baratsinze aba Zulu bateye Uburundi bavuye hanze muri Afirika y'epfo. Mwezi Gisabo yaragwanije Abarabu ba Rumariza bari baje kugira abaja Abarundi arabatsinda.
Yaragwanije Abadagi, ariko kubera bari bafise ibigwanisho bicira imiriro bikaze cane baratsinze ingabo z'Uburundi za Mwezi Gisabo, inyuma y'ingwano yamaze hafi imyaka munani. Ni ho havuye isinywa ry'amasezerano yitiriwe ya Kiganda mu ntango z'ikinjana ca 20.
Abarundi bari batunzwe n'uburimyi n'ubworozi; bararima bakimbura amahonda, imyumbati, ibijumbu vyinshi, ibigori inumpu, ibiharage, ubwishaza, amatugu, impande, amasaka, ibigori, ibitoke, intengwa n'ibindi vyinshi. Abishoboye barubakira imigina bakaraza utunyabobo kandi yari imfungurwa ngirakamaro ku magara y'abantu. Barorora inka, impene n'intama, inkoko n'ibindi bitungwa. Rimwe na rimwe haraba inzara yatewe nuko imvura yataze canke inzige zahitanye imirima zikayirigita. Hari hategekanijwe n'umusi mukuru w'uburimyi mu kwezi kwa Kigarama wari rutura wahuza Abarundi bose ku kirimba: umuganuro. Ku vyerekeye intwaro, Umwami ari sebarundi ntiyashobora gufata ingingo atumvirije abashingantahe n'abahanuzi biwe. Kandi niyo agize amakosa abashingantahe barashobora kumubogoza; bamusaba kwiha ubuki. Ubutungane ico gihe bwarakora neza gusumba ubwubu, abashingantahe ni bo buzuriza abatase. Uretse kurima no kworora, Abarundi bari batunzwe n'imyuga, barahingura ibikoresho bakeneye: isuka, imihoro, ibikutso, ivyakunze, impuzu, uburiri baryamako, intebe, imiti yabo ni iyo ibikoko...
Abarundi bari bafise imico kama yabo, ururimi rwabo, idini yabo ndetse n'Imana nyabutatu vyabo, intambo n'imvyino zabo zaranga Uburundi.
Umutima wo gukunda igihugu n'ubumwe vyariho, kuko hagize abatera Uburundi bavuye hanze, ingabo z'umwami zarahaguruka zikamugwanya. Murabaririkiza ivyabaye mu nkengera za Kirundo n'ahandi. Ico gihe ntihigeze haduka ingwano zifatiye ku moko y'Abahutu n'Abatutsi, canke ku yindi mirwi nk'imiryango. Umwami ntabwoko yerekana ko yegamiye, yari hejuru y'amoko.
Ariko rero hariho n'ibikorwa bibi intwaro yakorera abanyagihugu: kunyaga, kwangaza, gukumira imirwi imwe imwe, canke kugomerera ku muntu , gushing icumu mu kirenge c'umuntu, n'ibindi. Abanyagihugu benshi nta matongo bari biganziye, bari abagererwa.
3. Kwibutsa kahise k'Ubukoloni
Mu mwaka wa 1885, niho ibihugu vya rutura Ubufaransa n'Ubwongereza, Ubudagi hamwe n'ibindi bihugu bitobito nk'Ububiligi na Porotugari vyatunganya inama hariya i Berlino ku mugwa mukuru w'Ubudagi kugira vyumvikane ingene bigabangana ibihugu vya Afrika . Nta gihugu na kimwe co muri Afrika cari caserukiwe bahita ngo ni isi itazwi itahwa n'inzovu gusa! Bafashe ingingo zo kugabangana ibihugu uko bashatse ata n'Umunyafirika numwe abizi canke babajije. Abazungu rero ntibazanywe n'urukundo bari bafitiye ibihugu vyacu, canke kubiteza imbere nkuko hari abakunda kubivuga, bazanywe n'amaronko, gusahura inzahabu, imijumpu, n'ubundi butunzi buva mukuzimu, kwagura amasoko bashoramwo umwimbu wabo. Guhingura ibintu vyabo ku mahera make kuko abanyakazi b'Abanyafirika bahembwa intica ntikize. Kandi nabo hagati yabo barakebana, kuko batumvikanye ingene bagabura kurya kw'amagabura baca batana mu mitwe. Ico gihe Abadagi bari bashavuye kubera bari baronse ikimanyu gitoya, kandi bazi ko bakomeye gusumba Ubufaransa n'Ubwongereza vyari vyikebeye isi yose. Iryo shavu ry'Abadagi ryaraduze gushika aho haduka ingwano y'isi yose yambere. Abadagi aho batsindiwe mu ngwano yambere bita iyo isi yose (ariko ari iy'abanyabulayi basomborokeje hagati yabo), baciye basubirirwa n'abazungu b'Ababiligi. Aba nabo bari bafise umwami yitwa Leopoldo wa mbere yiganziye Kongo duhana urubibe ku giti ciwe. Bompi ntibafuse intwaro ya cami, ariko barayatse ububasha bwose isigara ari ikigangara; ingingo zose zihambaye zerekeye igihugu zafatwa n'intwaro ya gikoloni. Ibikorwa vyose vyarangurwa mu gihugu, vyari bifise intumbero yo korohereza umuzungu. Intwaro ya gikoloni yarazirana nico cose cotuma umurundi yumva ko yiganza iwe na canecane mu mico kama. No gushinga amashure vyabaye kugira haboneke abafasha intwaro gikoloni; ngira muraziko twikukira uretse abapatiri gatolika bari ku rushi ata Barundi bari bize kaminuza barenga intoke zo ku minwe. Ariko hariho Abarundi benshi batigeze bemera kuganzwa. Muri abo twovuga umukenyezi dukwiye twese kwibuka kuri uyu musi: Inamujandi yaragwanije intwaro ya gikoloni hariya i Ndora, Abazungu bahavuye bamufata bamupfungira i Ngozi imyaka 9. Arakwiye guhabwa iteka rikwiye mu bakenyezi baharaniye ukwikukira kw'Uburundi. Birakwiye ko yitirirwa ibarabara rininiya ryofatana n'irya indépendance, akagira n'icibutso hagati mu gisagara ca Bujumbura bose babona. Ndetse n'iri nyene rirakwiye guhindurwa mu kirundi. N'abemera intwaro y'igikoloni, bemeraniyeyo.
Iyo ngendo yo kugwanya Abazungu baje kuganza, kwikebera Afirika yarabaye no mu bindi bihugu vyo muri Afirika, uturorero no baha muri Afirika y'epfo, intwazangabo Tchaka yararwanije Abazungu b'Abongereza aranabatsinda incuro nyishi.
Muri Angola umwamikazi Ngola Mbandi Nzinga yararwanije Abazungu b'aba Porotugari baje gufata abanyagihugu basehura ku nguvu babatwara mu bihugu vya Amerika kubabera abaja , bari baje no gushinga intwaro ya gikoloni muri Angola. Uyo mwamikazi yarabagwanije imyaka irenga 30. Hari na Aline Sitoe Diata muri Casamance Senegal yabaye rurangiranwa uko nyene.
Muri Afirika y'Uburengero Samori Toure wo mu gihugu ca Mali yaragwanije Abazungu babakoloni b'Abafaransa imyaka irenga 16.
Ngaha mu gihugu iwacu, ico twovuga ni uko intwaro ya gikoloni yatwambuye ibintu vyose twagenderako bisubiza inyuma ukwikukira kw'igihugu cacu, twovuga nk'ibi bikurubikuru
-Baratwambuye ubutegetsi bwose, ingingo zose zihambaye nibo bazifata.
-Baratwambuye n'intara niniya nk'Ubugufi isigaye iri mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.
-Murabona ko hari akarere kaniniya bavuga ururimi rw'ikirundi, abo banyagihugu bose baba bafise igihugu kimwe, ukudutandukanya vyatumwe n'izo ntwaro za gikoloni.
-Muvy'ubutunzi, imyuga nka yose y'Abarundi yaciye isubira inyuma: kwaba ugucura, guhingura imiti, uburimyi n'ibindi. Inganda
Abarundi bari bariyubakiye zaciye zugara. Abarundi bategekwa gukoresha ibikoresho abazungu bazanye, baraheba imyuga yabo, baraheba gucura amasuka, imihoro n'ibindi, baraheba imiti yabo. Mu burimyi Abazungu babahimiriza kurima ibiterwa bita injabuka mazi canecane, abazungu bakeneye nk'ikawa n'icayi. Nk'ibiterwa mbumbarugo, biribagirwa. Ndetse baranadutwaye imico yacu gushika aho n'umuganuro twavuze bawufuta. Mu vyo bacupije ntitwokwibagira Imana no kwemera bifatiye ku vyo twihinguriye n'ubwenge bwacu : ni nde yibuka ko ba Petero, ba leonarudo, ba Yohani, ba Mariya na Makurata n'ayandi menshi atari amazina kama y'ikirundi ? Iyo baza kuba biyumvira, bari no gusanga Bigirimana rijanye no kwemera Imana y'Abarundi gusumba Zakariya na Yozefu, tutaravuga ba Betty na ba Eddy, canke Issa ...
Ntihagire rero uwibaza ngo Abazungu baje kuduteza imbere, bazanywe n'amatungo, no kwagura amasoko yo gushoramwo umwimbu wabo.
4. Kwikukira
Mu myaka ishira 1960 ni ho ibihugu vyinshi muri Afirika vyikukiye n'Uburundi burimwo, bihawe isemo ryambere na Ghana ya Kwame N'krumah. Imbere yaho harabaye abahinga nk'uwitwa Franz Fanon basohora inzandiko ku bijanye n'akarenganyo Abazungu bakoreye Abanyafirika kuva igihe babangaza bakabagira abaja mu bihugu vya Amerika. Abanyafrika bamwe bagiye kwiga mu bihugu vy'i Buraya nka N'krumah, Rwagasore, Kenyata , Lumumba, Nyerere n'abandi barashoboye kuganira n'abazungu batemera intwaro y'ubukoloni, bari mu migambwe canecane y'abagwanashaka, baragirisha amanama yahuje abagwanashaka bo muri Afirika bashaka ko ibihugu vya Afirika vyikukira
Uretse ivyabaye imbere y'aho nk'inama ya Bandoeng mu mwaka wa 1955, inama yambere ihambaye yatumye Abanyafirika bahagurukira urugamba rwo kwikukira yabereye mu gihugu ca Ghana yatunganijwe igatumwako n'umugwanashaka yari arongoye ico gihugu, N'krumah, ico gihugu ni co gihugu c'abirabure cikukiye ubwambere muri Afrika mu mwaka wa 1957. Muri iyo nama ba Lumumba, Gamal Abdel Nasser yahoze arongoye Misri bose niyo bari.
Abitavye iyo nama benshi baciye batanguza imigambwe iharanira kwikukira, abandi baranatanguza urugamba rw'umuheto rwo guhabuza ibihugu vyabo. Twovuga nk'umuhisi Amilcar Cabral wo muri Guine Bissao, Ben Barka wo muri Maroc....N'abatari bitavye iyo nama baramenye ivyavuyemwo nka Mugabe na Nkomo bo muri Zimbabwe, Mondlane wo muri Mozambique, Mandela n'abandi ntibatevye baciye batanguza urugamba rwo kwiganzura abakoloni
Twebwe iwacu mu Burundi umuganwa Rwagasore be na Mirerekano baciye bashinga umugambwe uharanira kwikukira UPRONA. Abazungu baramugwanije baca bashinga imigambwe y'ibikoresho vyabo, baranamwivye amajwi mu matora yo muri 1961 y'abasitanteri, ariko kubera yakomye induru ico gihe ONU iramwumvira amatora y'abashingamateka yagenze neza mu mutekano ntangere aca arayatsinda. Murumva ko kwiba amatora no kugira imigambwe ya "nyakuri ihengamiye ubutegetsi bwimye" atari ivy'ubu gusa!
Ariko Abazungu baruhiye kumugandagura kubera yarabakuye amata n'amasoro mu kanwa.
Murazi umwimbu bavana muri Afirika ni mwinshi: ubutare bwa gusa, imfungurwa yaba ikawa, n'ibindi zana inkoko zana amasoro. Ibihugu vy'Abazungu vyahoze ku ntwaro z'ubukoloni vyatungishijwe n'amatungo vyasahuye mu bihugu vyari vyikebeye. Muribaza namwe ivyo basahuye mu gihugu ca Kongo ingene bingana.
Abantu rero baharaniye ukwikukira nyakuri barabagwanije n'ubu bakiriko; benshi barabagandaguye, abandi barababuragiza. Lumumba baramugandaguye n'abandi nka Amilcar Cabral wo muri Guine Bisao canke Ruben Um Nyobe wo muri Kamerunu. N'abandi bose baje kuyobora ibihugu vy'Afirika bafise ako gatima, barababuragije nka Mandela bamupfunga imyaka 27, avayo amugaye atanguvu n'imbaga nyishi agisigaranye zo guharanira ukwikukira kwa Afirika nzima, abandi barabagandagura nka Sankara , bagaca bimika ku butegetsi ba ndiyo bwana. Na Ndadaye ni co yazize, kuko uwutishwe nabo bwite yagandaguye n'ibikoresho vyabo.
5. Ibihugu vyacu ntibirikukira koko?
Haba muvy'ubutunzi, muvy'imico kama canke ubumenyi, hari akagihaze kandi kanini. Impinga iracari ndende. Nivyo ibihugu vyinshi vyararonse intahe yo kwikukira. Vyarashoboye kurangura ibitari bike haba muvy'ubutunzi, imibano, ubumenyi... Twikukiye hari amashure make cane, nta na kaminuza n'imwe yariho mu Burundi, none ubu hari izirenga cumi. Abarundi boba bararangije kaminuza bari ku rushi ntibarenga 20. Hari ibarabara rimwe risize kaburimbi, ni rirya riva i Bujumbura rikagera i Bugarama. Ico gihe hari umuganga umwe w'umu duguteri Masumbuko Piyo, none ubu bararenga 400, vyongeye ingwara ntizigihitana abantu kunganya ico gihe. Mu myaka 52 hararanguwe ibintu vyinshi cane gusumba mu gihe c'intwaro ya gikoloni yamaze imyaka hafi ikinjana.
Ariko uvyihweje impinga iracari ndende kugira tuvuge ko twikukiye. Kandi ukwikukira bihera mu mitwe no munda vy'abantu.
Duhereye kuvy'ubutunzi, uzomenya ko wikukiye koko igihe wigaburira, igihe ibintu vyose vya nkenerwa bihingurirwa hagati mu gihugu, muri ivyo twovuga ibikoresho vyunganira umunyagihugu kugwiza no guhingura umwimbu w'uburimyi n'ubworozi, amasuka, ibisu, inkorofani, umwavu wo kwongereza akanovera k'isi ndimwa, kugwiza imbuto zirobanuye zimbuka n'ibindi. Amahinguriro y'impuzu n'imfungurwa ntiyosigara inyuma. Kutazera inze muri vyose, kuko amazi masabano ntamara imvyiro. Ubu mu Burundi ntituzi no guhingura akihaganyuzo k'amenyo, no guhingura igikwashi canke ibisokozo twaravyibagiye, turindira kubigura vyose hanze.
Nkubu kugira inama nshingamateka mu Burundi itore itegeko rigenga amafaranga Reta ikoresha ku mwaka, ibanza kurindira uruhusha rwa ca kigega c'ibihugu bitunze FMI, mu gihugu cikukiye inama nshingamateka imara amezi nk'abiri yiga imigambi reta yashikirije izorangura ikoresheje ayo mahera. Aha iwacu ngira iryo tegeko ntibarenza iyinga rimwe bariko bararyihweza. Mu mahera Reta ikoresha buri mwaka, ayarenga 50% ava hanze yose.
Ntivyumvikana ko ibihugu vya Afirika bimaze imyaka irenga 50 vyikukiye binanirwa gutunganya ivyavyo, umutekano, igihe cose hagize akadodoreka bakikora ku ngabo z'Abazungu. Inama zo kwihweza ibibazo vy'umutekano zikabera mu mahanga. Kutagira ikompanyi y'indege, ikompanyi y'amato, iy'igalimoshi, vyunguruza abantu n'ibintu, kutagira ifaranga ry'Afirika ni ibintu biteye isoni. Na AirAfrika twari twihinguriye bayiriye muri rimwe! Nta gihugu na kimwe muri Afirika kiriko kirategura ubuhinga bwo kwivuna abaza kudusahura ubutunzi ku nguvu. Tuzi neza ubutunzi cimeza ibihugu vy'Afrika bifise ari umurengera, twumva ko vyimbura ibitoro na gaze vyinshi. Ufashe urugendo uvuye i Bujumbura ugana mu bihugu bimwe vya Afrika ubanza guca i Buraya, atari aho naho umara imisi ibiri canke itatu mu nzira. aho rero ntituvuze igiciro umurengera izo ngendo zigurwa. Mwari muziko kuva I Bujumbura uja I paris bizimvye gusumba Paris uja Afirika y'epfo (uciye hejuru y'I Bujumbura)? Ivyo vyerekana ko ata migenderanire iri hagati y'abanyagihugu mu bihugu vy'Afirika. Ubumwe bw'Afrika bwokomera gute igihe Abanyafirika batazinanyi kubera ata migenderanire iriho hagati yabo?
Kenshi rero amareta amwe agifise akageso ka gikoloni ashira ku butegetsi abantu ba n'iryo, bigenza nk'abacangero, igice c'itunga ry'igihugu rigaherera mu mipfuko y'akarwi kabo bantu bari kurushi, bakarinyegeza mu mabanki y'ibihugu bitunze, ikindi gice naco kininiya kikaja kwa ba shebuja. Ni co gituma ubu hari n'abivugira bati: Abazungu kera baturya batwicayeko, ubu baturya twicaranye. Mu bihugu vyinshi rero abatware bashasha basubiriye Abazungu b'abakoloni.
Igihugu reta idashobora gutunganya ubutegetsi, amatora kidakoresheje amahera yo hanze ntikiba kirikukira koko. Habe na mba.
Mu mico kama, murabona ko ururimi rwacu rwasubiye inyuma, abantu bamwe bamwe baraterwa n'isoni zo gukoresha ikirundi canke igiswahili, vyerekana ko tutiyemera. Ibihugu vyose tuzi vyateye imbere, yaba Ubushinwa, ubufaransa canke Ubuyapani vyubakiye iterambere ku mico kama yavyo , bihereye ku rurimi. None mwoba muzi ko ibwirizwa nshingiro ryacu twitoreye muri 2005 riri mu gifaransa? Inama nshingamateka na nkenguzamateka vyoba bikorana mu Kirundi? Amatekeko mashasha yose, uretse n'aya kera bayasohora mu Kirundi? Mbe umunyagihugu nciye aho, mu kwandikira umukuru w'igihugu abigira mu rurimi uruhe? Umukuru we?
Ntushobora kuvuga ko wikukiye igihe hari ubutegetsi butubahiriza abanyagihugu, buhonyanga amategeko bwokubahirije; igihe abanyagihugu batagira ijambo.
Ubu rero abantu benshi baravuga yuko hakenewe ukwikukira gushasha. Abanyagihugu bakishiriraho abarongozi bemera kuba koko abakozi b'abanyagihugu; abarongozi bakunda igihugu, batemera gusega, bashobora kuvana igihugu mu buja, basubize ubuntu n'ubutegetsi abanyagihugu kugira basubire biyemere. Dukeneye abarongozi bafise ivyiyumviro vyo kwikukira mu mitwe yabo. Bakunda ibihugu vyabo, bakunda abanyagihugu. Abategetsi bafise ishaka ryo guteza imbere igihugu, abana b'Abarundi bashobore gufungura gatatu ku musi. Ngo utigaburira ntiwigaba. Igihe tutazoba turashobora kugwiza umwimbu ukwiye mu burimyi , kugira ntidusubire kugura imfungurwa zose hanze: ingano, ibiharage, ibigori, imboga, ivyamwa, ibiraya, ubwishaza, ibijulbu, imyumbati, ibitoke, amata, amagi, umuceri... kandi dushobora kubirima no kubihingura iwacu, aho ntituzoba turikukira.
Ibihugu vya Afirika ni vyo vyambere bifise ubutunzi cimeza gusumvya ibindi bihugu vyo kwisi yose, iryo tunga bose bararikeneye; tutaravye neza iryo tunga rizovyara ubukene n'ubuja bw'akarambaraye. Izi ngwano mubona hirya no hino: i Kongo, Sudani, Libia, Mali, Cote d'Ivoire, Centrafrika... nta kindi kizitera atari akageso ko gusahura ayo matungo. Kuko iryo tunga rironderwa n'ibindi bihugu vya rutura, bizoguma biburagiza Afirika. Nkubwo butare ngaho iwacu bacukura ikidavagi, amahera avuyemwo agaherera mu mipfuko y'akarwi k'abantu bari ku rushi, nibwo bwodufashije gukomeza intahe yo kwikukira
Aha mu Burundi iwacu duheruka kumva ko hari isosiyete igiye gucukura ubutare bwa Nikeri be n'ubutare bw'icuma (fer), iyo sosiyete igizwe n'abanyamahanga, Reta y'Uburundi ifisemwo imitahe itarenga 15%, muca mwumva yuko iryo tunga ryose rizoherera mubanyamahanga. Hari n'ivy'ibitoro vya Tanganyikwa vyavugavuzwe, turacunze turabe iyo bitera bijana. Icambere Reta ishaka kwikukira yari kubanza kurungika abarundi benshi kwiga ubuhinga bwo gucukura ubutare, kuko ubu dusigaranye Umurundi umwe yize ubwo buhinga , nawe nyene ararenza imyaka 50. Uwuzi abandi aratubwira. Vyongeye Reta yategerezwa kugira imitahe irenga 50%; likararika Abarundi benshi bagashiramwo imitahe yabo. Bitagenze uko, turaritse abanyagihugu biyamirize ubwo busuma bw'agahomera bunwa, bwerekana koko igihugu cagurishijwe.
Afirika kuva kera yari yitunze, yarigenga, yari ifise abahinga muri vyose canke vyinshi muvy'ubumenyi. Abamaze kuja mu Misiri barabonye ibimenyetso bihambaye bubatse ku buhinga bwo hejuru cane, ngomba kuvuga za piramide zimaze hafi imyaka irenga ibinjana vy'ibinjana bitatatu (millénaires). N'ubu Abazungu baracibaza ingene abo bahinga ba Afirika badugije izo inyubakwa, n'imashini nyabwonko z'ubu zitaragerako. Abanyafirika nibo batanguje gokoresha ibiharuro, ndetse ngaha iwacu biga bageze muza kaminuza. N'abiyitiriye ivyo kwemera Imana imwe barazi ko vyatanguriye muri Afirika. N'ibindi vyinshi.
Afirika rero n'ubu ntiyavumwe; irafise abantu b'abahinga, bazi ubwenge kandi babigaragaje. Ikeneye yuko abanyagihugu basubira guhaguruka, bagaharanira intahe yo kwikukira, ukundi gusha, ukwikukira nyako atari ivyitirirwa abana, mu gushira ku butegetsi abantu bakunda ibihugu vyabo, bakunda abantu, batemera kuganzwa, biyumvamwo ingendo yo kwikukira, biyemera koko. Bigenze uko Afirika, Uburundi burimwo bizogira ijambo mu makungu, izotera imbere yongere iteze imbere n'abandi kw'isi. Kuko birakenewe yuko abanyagihugu kw'isi birinda ababavangura, maze bashire imbere umutima wo gufatana mu nda kuko isi ni icibare ca twese. Ibi vyarashobotse mu bihugu bimwe bimwe vyanagize uruhara runini mu guhabuza Afirika nka Cuba, ni agahugu gatoya ibihugu vya rutura vyakebeye ivomo, ariko kari mu bihugu vya mbere kw'isi abana bose biga neza ku buntu, abanyagihugu bose bivuza neza ku buntu bakanaramba.
Birakenewe rero ko abanyagihugu bacu mu Burundi, mu ntara zidukikije no muri Afirika yose bamenya neza iyo bava, niyo bariko baraja. Nivyo tuvuye kure cane, imyaka 600 Abanyafirika bari mu ntwaro za gikoloni n'ubuja, vyaradusizemwo imvune nyishi. Ni naco gituma rero ari ngombwa yuko urwaruka rwacu rwokwigishwa hakiri kare gukunda igihugu carwibarutse, gukunda abantu n'ibikorwa. Ni vyiza ko rumenya akahise, canecane ka Afirika, kuko rwigishijwe kenshi yuko Afrika ataco ishoboye, ngo Umuzungu atabonetse ntagishoboka. Muribuka ko hari n'umukuru w'igihugu umwe w'igihugu ca rutura yigeze kuvuga n'akagaye kenshi yuko Afirika itazwi muri kahise. Urwaruka rurakwiye rero kumenya intwari zaharaniye ukwikukira kwa Afirika n'Uburundi, kugira ruzifatireko akarorero, kumenya iragi rya N'krumah, Nasser, Mandela, Rwagasore, Nyerere, Lumumba, Sankara, Amilical Cabral, Um Nyobe, Ndadaye, Ben Barkha n'abandi. Ko ari kazoza ka Burundi na Afirika vy'ejo, bamenye iyo bava bazocudika kuruta n'abo bangana, harimwo n'abo bazungu nyene bagize ivyo twavuze. Kuko ikindi nyamukuru dukwiye gushimangira uno musi, kumenya kahise, ingwano basokuru bagize zo kwiganzura uwatunganje, si guhimiriza kwihora. Ni ukugaya kahise kabi kugira twubake bizima bishasha n'abashaka, Abazungu b'abagenzi n'abandi. Ubu isi isigaye ari agasozi kamwe gatoya. Kwikukira bituma twese tubana mu mahoro no kwubahana. Ahandi ho tuzoguma turi nk'udukoko two mw'ishamba turyana hagasigara iciganje.
Ni ngombwa rero , urwaruka, Abanyafirika bamenyane, bagenderanire, ari naco gituma bakwiye kwiga bakamenya guhera mu mashure y'intango indimi zacu nk'iswahili n'icarabu, zizotuma bamenyana.
Ukwikukira kugira kabiri kuzoshoboka igihe kandi habonetse amashirahamwe na canecane imigambwe igizwe n'abagwanashaka biyumvamwo ko bikenewe ko twikukira, ntitubandanye kuba ba ndiyo bwana, iyo migambwe rero ikwiye kugira urunani rw'imigambwe iharanira kwikukira nyakwo. Bigenze uko mu myaka iza hazoboneka ubutegetsi bw'ama Reta menshi ashaka kwikukira, kuko ari reta imwe nyamwigendako hari abazoca bayifyokora, canke bakayikebera ivomo kurya babigize kuri Sankara canke kuri Cuba. Uburundi ni agahugu gato ni vyo, ariko si gito. Burashobora kumurikira intara zidukikije na rirya duhurikiye hamwe kandi turiko turakomeza imigenderanire. Ariko tubanze kwiyumvamwo ukwikukira tukabingendera imbere yo gukomeza abandi.
Twame rero tuzi yuko ubuntu bwihabwa, ntacizana, vyose biragwanirwa
Ni hahangame intahe nyakuri yo kwikukira kw'Uburundi n'Afirika
Leonardo Nyangoma
Umukuru wa CNDD