Barundi, Barundikazi, namwe mwese mukunda Uburundi n'Abarundi,
Kw'izina ry'Inama nkuru y'igihugu CNARED-Giriteka no kw'izina ryanje nyene, ndi n'iteka
ryinshi ryo kubipfuriza umwaka mwiza mushasha wa 2016. Uze ubabere umwaka muhire, umwaka
w'amahoro n'umutekano mu banyu, mu ngo zanyu no mu gihugu cose, ube umwaka w'ukwogorora
n'ugusubira kugira iteka n'ijambo ku barundi bose, mu gihugu cose, no mu makungu yose.