lundi, 03 août 2015 23:11 Écrit par  Léonard Nyangoma président du CNARED

IJAMBO RY’IHUMURE UMUSHINGAMATEKA LEONARUDO NYANGOMA UMUKURU WA CNARED ASHIKIRIJE ABARUNDI N'ABARUNDIKAZI BOSE

Barundi,
Barundikazi,
Ndongozi z'imigambwe itandukanye mu Burundi,
Bashingantahe, Bapfasoni muserukira amashirahamwe yigenga mu Burundi,
Rwaruka mwese,

Ndabaramukije amahoro bimwe bivuye ku mutima,

 1. Abarundi n'Abarundikazi mwese mwaraye mwumvise yuko inama yahuje abaserukira imigambwe itandukanye mu Burundi , abaserukira amashirahamwe yigenga, abahoze ari abakuru b'igihugu c'Uburundi n'abandi banyacubahiro, bakoraniye hariya i Addis Abeba ku murwa mukuru w'igihugu ca Ethiopia , hakongera kandi hakaba ari ku cicaro c'Ishirahamwe ry'Umuryango wunze ubumwe bw'ibihugu vy'Afrika UA ku magenekerezo ava ku wa 30 /07 kugeza ku wa 01/08/2015.

Intumbero y'iryo koraniro kwari ukwihweza ibihe vy'amagume Abarundi n'Uburundi birimwo vyatewe n'ubutegetsi buhonyanga agateka k'Abarundi n'amabwirizwa agenga Uburundi. Barongeye barihweza n'umuti w'ibibazo nkoramutima vyugarije Uburundi n'Abarundi iki gihe. Uwo muti si uwundi ni kubandanya urugamba turimwo rwa poritike, kanatsinda turugejeje kure, na kare ngo ntawurya inzoka ngo ananirwe umurizo. Ubu hageze kurusozera.
Abitavye iyo nama bose rero barafashe ingingo zo gushiraho inzego zo kuremesha urwo rugamba, barongera baraha intumbero n'umuco vy'ingene urugamba rwo guhabuza demokarasi igeze ah'umwansi ashaka rwobandanya.

Jewe rero, abari muri ryo koraniro baraye bangomwe barantera iteka, barangena kugira ndabaje imbere mu mirimo yo kuyobora no kuremesha urwo rugamba.
Ndashimiye abaserukiye imigambwe n'amashirahamwe yigenga bafashe iyo ngingo ihambaye bakanyizigira bakangena kugira ndabaje imbere muri urwo rugamba ruhambaye cane. Ni iteka ntangere, kandi nanje ndabemereye yuko ntazohemukira Uburundi n'abarundi, ntavyo nigeze, kandi ntavyo nimirije mu buzima bwanje. Kandi turavye isinzi ry'Abarundi bashigikiye ico gikorwa muri ibi bihe bamaze iminsi berekana ishaka ryinshi ryo kwigobotora ubutegetsi bw'igikenye n'ubundi bubegito muzi tutarinze kudonda, nta nkeka tuzorutsinda.

2. Barundi , Barundikazi,
Igihe mwihereza amabarabara, muri ya myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, mwarerekanye yuko mu rugamba turimwo umwansi wacu atari ubwoko, intara canke umugambwe kanaka, waba uwuri ku butegetsi canke uwutavuga rumwe n'ubutegetsi. Turazi neza yuko hari abagumyabanga isinzi ba CNDD-FDD bari kumwe natwe, kandi bakunda igihugu, mbere twese tukaba twibonera ayo abigaragaje gusumvya abandi babona ; turazi yuko hari isinzi ry'abarundi bari mu migambwe itandukanye, mbere n'abatari mu migambwe, bipfuza ko igihugu cacu cokwogorora, kikaja caronka intwaro ibereye, itica, idasahura itunga ry'igihugu ; mu nca make igendera inama n'ingingo, ari yo ntwaro ya Demokarasi, Incungu zacu Rwagasore, Ndadaye n'abandi benshi tuzi n'abatamenyekanye bazize. Abarundi barazi gutandukanya icatsi n'ururo, barazi neza umwansi abarundi bagwanya ubu. Nawe si uyundi n'abo ba mpemayuzuye, ba nsumirinda, abo bafadikanije n'umukuru w'igihugu atagomba kwubahiriza amabwirizwa agenga igihugu, bagafadikanya kugisambura, mu nca make bamwe Rwagasore yavuga ko atazokwihanganira, eka na twebwe ntituzobibakundira. Mu migambwe yose, mu mashirahamwe yose yigenga, mu madini atandukanye, hariyo abarundi isinzi bakunda igihugu cabo. Abo rero na canecane ni urwaruka, ni izi ndongozi z'imigambwe, ni izi ndongozi z'amashirahamwe, ni abo bamenyeshamakuru, eka mbere no mu zindi nzego tutarinze kudonda kuko baca biyumva... Ni bo bariko bararemesha urugamba rwo guhabuza demokarasi n'ukwikukira k'Uburundi. Bashaka kuvana Uburundi n'Abarundi mu buja bw'ubutegetsi bwa Nkurunziza. Ku ruhande rwacu natwe, turemanze kubaja imbere ata guhigimanga, kuko urwo rugamba ni urugamba rw'iteka, natwe ntituzobatetereza.

3. Barundi, Barundikazi,
Intambwe tugezeko irahambaye cane. Nta gihe nk'iki mu Burundi twari bwashikeko co kwibohoza ubutagisubirinyuma ; igihe Abarundi bo mu bwoko bwose, mu ntara zose, mu migambwe yose, mu mashirahamwe yose yigenga, baja hamwe bagafatana mu nda kugira bagwanirize hamwe umwansi. Ni imbonekarimwe, twabiheruka kuri Mwezi Gisabo, igihe Abarundi bahagurukira rimwe, bakagwaniriza hamwe umwansi Rumariza yari azanywe no kubagira abaja. Nta mwanya rero wo guta no gusamara kuko iki gihe cohava kitujana, mwomenya yuko ibihe bitama bingana. None mwumva vyoba vyagenze gute kugira ntidutsinde urwo rugamba ? Iminsi y'akarwi kiganje kakigarirako ubutegetsi bwose iraharuye.
Nkuko mubizi, abakurambere ba sokuru nibo bayamaze bati : Nyamubura ikimuhanura ni we nyamubura ikimuhamba, canke ngo Agasozi k'amarere kahiye abagabo babona. Ariko kandi ngo Uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jisho.
Ni co gituma nsavye nshimitse abo bikebeye ubutegetsi ku nguvu, birirwa barahenda abantu ngo harabaye amatora kandi atawe bahiganywe, ari bo bitoye, n'irementanya bakoze ngo ni amatora, abo bari guhiganwa babanje kubabohera amaboko i mugongo, ndabasavye ko bova i buzimu bakaja i buntu, bakemera bakaza mu biganiro, kugira turabire hambwe ingene bokinjura mu mahoro, kugira tubogore igihugu kigeze ahatemba. Ivyo tuvuze ni vyo Abarundi bashaka, ntawitega igihuhusi c'abanyagihugu, nk'uko uturorero twinshi iwacu no mu bindi bihugu vyo kw'isi tubigaragaza. Ivyo bise amatora nta n'umwe avyemera, n'amakungu yaravyiyamirije.

4.Barundi, Barundikazi,
Abarundi nka bose barerekanye yuko ata matora ashoboka ibi bihe ku mvo muzi na canecane zifatiye ku mutekano muke mu gihugu, kubera kandi ateguye nabi. Kubera Nkurunziza rero yarahiye ati simvako ntagize iyindi manda ya gatatu, kandi si iyo gusa akazokwiyongera n'iya kane, n'iya gatanu, kuko azoca ahindura Ibwirizwa Shingiro, avuga ngo azohava Yezu agarutse. Eka n'amakungu canecane ibihugu vy'ibibanyi bihurikiye muri wa muryango EAC, Umuryango w'ibihugu vyunze ubumwe bw'Afrika, ibihugu bicuditse n'Uburundi nk'umuryango w'ibihugu vyunze ubumwe bw'i Buraya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ishirahamwe Mpuzamakungu rya ONU n'ibindi barasemereye ijoro n'umutaga bavuga bati nta matora ashoboka, basaba ibiganiro hagati ya Reta n'abo bitavuga rumwe. Ariko Nkurunziza nta n'umwe muri abo bose yumvirije, yashimye akagagazo, atako aritora, none ejo aho bukera ariyimika we nyene. Twomwibutsa gusa yuko kuva itariki 26 z'ukwezi kwa Myandagaro atazoba akiri umukuru w'igihugu c'Uburundi. Nta ngingo n'imwe azoba agishobora gufata, yanse kugenda Abarundi ntibazomukundira bazomugwanya gushika abasubize ubutegetsi yabanyaze, kuko kw'isi nzima aho ngeza amaso ntaho vyigeze biba na hamwe ko ubutegetsi bw'igikenye butsinda abanyagihugu babuhagurukiye bakabwiyamiriza.
Kugira ngo dusubize agateka Abarundi n'Uburundi, tuzokwihutira gutorera umuti ibi bikurikira :
a . ku bibazo nkoramutima vyihutirwa kandi bihambaye kugira mu gihugu hagaruke ituze bidatevye, na vyo ni nk'ibi : kubohoza impfungwa zose, guhagarika ubwicanyi, gukura icuka co kwinubana no kugarukana ubumwe mu nzego zishinzwe umutekano, canacane mu gisirikare.
b. Kwumvikana mu biganiro atawe bikumira ku migambi y'ikiringo mfatakibanza : imikurumikuru twovuga ni :
1° Ibikorwa vyihutirwa vyo gukiza inzara, inyota n'ubushomeri Abarundi ;
2° Gutunganya neza umugambi wo kwaka ibigwanisho imirwi yose itabifitiye uburenganzira ;
3° Gutunganya ibiganiro ata n'umwe bikumira ku mategeko amwamwe kugira demokarasi itsimbatare mu Burundi : twovuga nk'itegeko rigenga amatora n'irigenga imigambwe, irigenga kumenyesha amakuru...
4° Gutahukana impunzi n'indongozi z'migambwe canke z'amashirahamwe zahunze ;
5° Kurekura imigambwe ubutegetsi bwasambuye mu kuyicamwo ivyibare igakorera ahabona ;
6°. Gutunganya urusansuma rw'abanyagihugu bose ;
7°. Gushiraho umurwi wigenga wo gukora itohoza ku busuma bwakozwe mu gihugu n'akarwi kiziziye ubutegetsi ;
8° Gusubiramwo wa murwi wo gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi ;
9° Gusubiramwo Ibwirizwa Shingiro mu ntumbero yo gukomeza demokarasi, ariko abarundi bose bavyumvikanyeko ;
10° Gutunganya amatora mu mwidegemvyo, mu butungane, amatora azira igitsure n'agahotoro ;

c. Kwumvikana ku nzego zijejwe kuyobora ikiringo mfatakibanza tuzokumvikana n'umwanya ico kiringo kizomara ;
Ibiganiro kuri ivyo bibazo uko ari bitatu, ntivyorenza amayinga atatu.

5. Barundi, Barundikazi,
Aka kamo tugateye Abarundi bose bemera demokarasi bo mu bwoko bwose: Abahutu, Abatutsi n'Abatwa, bemera ko Abarundi bangana, bazi ko ubwoko atari bwo bubi, ahubwo ko ububi ari ubutegetsi bw'abo ba "mpemayuzuye", bigaruriye ubutunzi bwose bw'igihugu, ari co gituma mubona bamase ku butegetsi nk'ikibugu kw'ibuguma. Aka kamo tugateye kandi Abarundi mwese, mumenye ko ata ntara mbi ibaho, ko ata bwoko bubi bubaho ; nta n'umwe muri twese yasavye kuvukira mu ntara kanaka, nta n'umwe yasavye kuvuka ari Umuhutu, ari Umututsi canke ari Umutwa. Twese turi abana b'Uburundi.

Mu ntara zose haravamwo abakunda igihugu, hakavamwo n'abakunzi b'inda. Nico kimwe no mu bwoko nyene, hari abakura bakora ineza hakaba n'inkozi z'ikibi, mu moko yose. Noneho ivyo vyo gupfa amoko Abarundi twariko turabirengera, none ng'iyo intwaro ya Nkurunziza irabigarukanye. Dusavye Abarundi mwese mugume mufatanye munda ntimuje ku mohe ya ba gaterenya!

Ukwicwa canke kwangazwa uzira umigambwe canke ivyiyumviro bidasa n'ivy'abatwara, navyo nyene twariko turabisezera. Ng'iyo intwaro nsamburaburundi ya Nkurunziza yabigize ingendo.

Ibrahimu Lincoln, yahoze ari Umukuru w'igihugu ca Reta zunze ubumwe zo muri Amerika ni we yavuze ati : "urashobora guhenda igice c'abanyagihugu igihe cose canke guhenda abanyagihugu bose igice c'umwanya, ariko ntushobora guhenda abanyagihugu bose igihe cose". Ako ni ko kajambo gahambaye twoshira kumuzirikanyi.

Ku binyerekeye, nk'uko mwavyumvise, abangomwe kugira ndabaje imbere ndabarongore, ni abashingantahe b'ijunja n'ijambo basanzwe baserukira abarundi mu mpande zose z'igihugu ku buryo ata murundi n'umwe atabiyumvamwo. Uretse rero iteka bahejeje kuntera, bampaye kandi intege nyinshi zizomfasha guharanira nivuye inyuma Amasezerano y'amahoro no kunywanisha abarundi y'i Arusha, tutibagiye Ibwirizwa shingiro riyakomokako. Ayo mabanga banshinze arahambaye, aremereye nk'amabuye, ariko nta mutima usimba igihe inyuma yanje hari abarundi isinzi. Ndabemereye yuko ntazobahemukira kandi ntazobatetereza. Ndazi yuko mfadikanije namwe urugamba rwo guhabuza demokarasi no guharanira Igihugu kigendera ku butungane, tuzorugwana maze tubashikane ku ntsinzi , mwipfuza, intsinzi ishimishije Abarundi bose ata n'umwe akumiriwe, aho umwe wese azoca agira ati Ashiii!

Ni Tugire amahoro,
Dusangwe „Urunani CNARED" , Inama y'Igihugu iharanira iyubahirizwa ry'Amazerano y'Amahoro n'ukunywanisha Abarundi y'i Arusha n'ukugarukana Intwaro igendera ku Butungane.
Intsinzi idusage,

Murakoze.

Bigiriwe i Addis-Abeba kw'igenekerezo rya 02/08/2015
Ku bw'Inama y'Igihugu iharanira iyubahirizwa ry'amasezerano y'i Arusha na Reta y'Ubutungane
Leonarudo NYANGOMA

Les dernières actus


Déclarations
Mupfasoni Ntibwirizwa Bernadette umutambukanyi w’umuhisi Ndarubagiye Leonce, muryango usigwa na Leonce Ndarubagiye Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe ...
En savoir plus
Déclarations
Le président du parti CNDD, l’Honorable Léonard NYANGOMA a une profonde affliction d’annoncer le décès du Secrétaire Général de ...
En savoir plus
Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Prev Next