mardi, 03 mars 2015 11:08 Écrit par  Léonard Nyangoma

Ijambo Leonarudo Nyangoma, Umukuru w’umugambwe CNDD, ashikirije Abarundi bose mu bihe twimirije ihinduka ry'ubutegetsi.

Barundi, Barundikazi ;

Ntanguye kubaramutsa amahoro mwese n'umutima w'urukundo. Muri ibi bihe twimirije ihinduka ry'ubutegetsi, nkuko muvyibonera hariko haraba ibintu vyinshi muri poritike y'igihugu, natwe mu bahumure twashaka kubigarukako, tugire ico tubivuzeko, twongere dutange impanuro, mu ntumbero yo kwibutsa ko abarundi bokwama barikanuye.

1. Ubwa mbere: nagomba nshimire abarundi n'abarundikazi mwese ku ntambwe mugezeko mu gushimangira demokarasi n'ubumwe hagati yanyu, nkuko mwavyerekanye igihe Uburundi bwikukira canke mu matora yo mu 1993. Agakura n'imyiyerekano mwaraye mugize igihe ubucamanza bwikubita agashi bukarekura ivy'agateganyo umumenyeshamakuru w'akarorero Bob Rugurika. Mwasidukanye n'iyonka muje kumusanganira, muje kandi no gusubira kwibutsa ubwa nyuma no kugabisha ubutegetsi ku bicumuro vyose n'amakosa yose bukorera abanyagihugu : ubwicanyi, ubusuma, akarenganyo, guturira amasoko...Bamwe bagifise umugera w'amacakubiri y'amoko canke y'intara baraye bateterewe. Mwarerekanye ko mwavavanuye n'ivyiyumviro vyataye igihe, mwarerekanye ko mufatanye mu nda haba mu bihe vy'amagume canke vyo kunezerwa mutaravye ubwoko canke intara. Amacakubiri asigaye ni ayari hagati y'abasuma , abicanyi n'abanyagihugu, na yo nyene tuzoyarwanya kandi nta nkeka turayatsinda. Mwarerekanye ko ukuri kwamye gutsinda ikinyoma, kanatsinda ikinyoma gihuye n'ukuri kiratemaguza.

2. Ikigira kabiri: iyo mbonye igihugu kiriko kirarwa mw'isanganya, kenshi bitumwe n'abari kw'isonga ry'ubutegetsi bw'igihugu, sinshobora kwihangana. Ni ngombwa abakurambere dutange impanuro.
Murazi yuko igihugu cacu kivuye kure, ndabivuga kubera mbona abategetsi b'ubu umengo baravyiyibagiza. Womenga ntibazi iyo twavuye. Iyo utazi iyo wavuye ntushobora kumenya n'iyo uja. Igihugu cacu twakirazwe na ba sokuru, barakirwaniye, baragiha imbibe, caracuzwe bufuni na buhoro n'intwaro za gikoroni, ariko cahavuye cogorora kirikukira. Mu nyuma haraza intwaro z'umukazo turazirwanya turatsindira demokarasi mu mwaka w'1993. Abibaza yuko demokarasi igiye kubakura amata mu kanwa ntibihanganye. Baciye burira igiti kiturirwa bavuguruza abanyagihugu mu kugandagura Umukuru w'igihugu yitorewe n'abanyagihugu Ndadaye Melchior. Na bo nyene twarabarwanije, turabagondoza baremera turaja mu biganiro vyo kugarukana amahoro mu Burundi vyatanguriye i Roma mu Butariyano, hanyuma bibandaniriza i Arusha. Twarabigize kandi turabishitsa n'aho havuye haduka izindi ngorane, ari na zo ziriko zirazana aya mabi n'amagume mwese mubona. Ayo na yo ni aya y'ubukene, inzara n'inyota vyasinzikaje abanyagihugu. Aha rero ntituvuze ubusuma n'ubwicanyi vyigize ndanse mu gihugu bikaba bisigaye umengo ni ubuhizi. ayo mahano yose akaba atumwa canecane n'uko intwaro ya Nkurunziza ititaho ineza n'iterambere vy'igihugu n'abanyagihugu.

3. Ica gatatu: abo mwumva bari ku butegetsi muri iki bihe, abatari bake twari kumwe muri izo ngamba. Ico twaharanira mwese murakizi : kwari uguhabuza demokarasi mu gihugu. Twashaka ko hoba intwaro ikura abanyagihugu mu buja, mu migozi, mu gacinyizo, mu bukene, intwaro izirana n'akarenganyo n'akagaye. Twashaka intwaro itegura kazoza k'Uburundi n'abarundi. Twashaka intwaro igendera ikongera ikisunga ivyiyumviro birashe, abarundi bakabaho babona iyo bariko baraja, bagashobora no kugaragaza akababaro canke akanyamuneza biciye mu myiyerekano canke mu zindi nzira zemewe n'amategeko adahotora agateka ka muntu, intwaro isubiza iteka n'ijambo abarundi n'abarundikazi. Ihangiro rero nyamukuru ni uko Abarundi mu gihugu cabo bumva ko bikukiye, bishira bakizana, bakagira ijambo. Nta kintu kibi nko kuniganwa ijambo. Abarundi bipfuza ko badasubira gutotezwa no guhigwa buhongo n'intwaro yategerezwa kubakingira no kububahiriza. Igihugu rero kizotera imbere ari uko abarundi bose bugurutse mu mitwe no mu mitima yabo, ni na ho bazogira ishaka n'inguvu vyo guhangana n'ibibazo biri ngaha mu gihugu cacu, n'ibindi vyinshi bituruka mu mahanga.

Barundi, barundikazi,

4. Ikigira kane: Mu minsi iheze narandikiye abagumyabanga ba CNDD-FDD, kugira ndabakebure maze bisubireko, kuko ntabigize hari abazobimbaza bati mbe Nyangoma aho igihugu cagwa mw'isanganya wari hehe ? Wahanuye iki ? Narabibukije ivyo twaharaniye, ndabibutsa yuko uwo mudasangiye umugambwe canke ivyiyumviro atari umwansi, abantu babana mu budasa bwabo, kandi bakama bihangananiye. Mu vy'ukuri, umenya ko naka ari umugenzi, umukunzi, igihe yubahuka kugukebura akama yakubwiye ukuri, adasigiririza. Kandi burya abarundi barayamaze bati, « Nyamubura ikimuhanura, ni we nyamubura ikimuhamba ». N'ubu ndabigarukako kuko uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jisho. Ndashima kandi kubona yuko hari abanyuzwe n'impanuro twabahaye, na bo si abandi, ni abo mwumva bamaze imisi badoma urutoke ku bitagenda neza, kandi mu rwandiko baheruka gusohora, ubisomye , ni ivy'ukuri igihugu cacu kigeze habi. Caragurishijwe mutabizi, kandi bene kukigurisha bamenye ko tutazovyihanganira, bitebe bitebuke tuzobashengeza.

5. Ikigira gatanu: Mwese murabona aho igihugu kigeze. Murabona ko igihugu kiri mu mayira abiri. Abarundi benshi, ntibabona kazoza kabo. Henshi abarundi birirwa baricana, bapfa ubusa, bateranijwe n'abantu botegerejwe kubuzuriza, bakabumvikanisha. Abo bantu ba gateranya bameze nk'amabingira. Ni ba mpemayuzuye, ba sesankuyoze. Kandi bama bari mu ntwaro zose. Bari no mu bwoko bwose. Bari mu ntara zose. Bari ngaha mu Burundi, kandi no mu bindi bihugu vyo mu mahanga barimwo, ni abo mwumva bagomba kugumiza ibindi bihugu mu ntwaro z'agacinyizo, mu ntwaro ataho zitaniye n'iza gikoroni . Musanga mbere mwene abo bantu ari akagwi gatoya cane, kakihereza ubutegetsi, kakabutwara bwose, kakabwaka abanyagihugu. Iyo rero ibintu bimeze gutyo, kandi koko mu gihugu cacu ubu ni ko bimeze, igihugu nta gisivya kiragwa mw'isanganya. Turazi abarundi isinzi badashobora kwemera ko ibintu bibandanya gutyo. Turazi neza ko no mu mugambwe uri ku butegetsi biriko biragaragara ko muri bo benshi batavyemera namba. Ahubwo baratuntuye ku mutima. Amakosa akorwa barayabona, arabababaza, arabatera agahinda, bamwe bagashima kuba ba sindabibazwa, bakagira nk'abatabibona, abandi bakabishigikira, abandi bakabigaya. Ubu rero hageze ko bafatanya n'abandi tukavyiyamiririza rimwe twese.

6. Ikigira gatandatu: Ndashimiye rero abo bose bumvise akamo twabateye bemeye kuvavanura n'intwaro z'agahotoro zubakiye ku kinyoma n'ubusuma. Ni babandanye bamurikira abandi bagifise ubwoba.
Tubashikirije rero ubu butumwa mu ntumbero yo kubasaba ko mwoba urumuri koko, kugira tugwanye ubwa kabiri twivuye inyuma akagwi k'abategetsi bitwa ngo muri kumwe, kariko karashungururira igihugu cacu mu manga. Ariko bapfa ubusa tuzogishayura. Nta kintu na kimwe gituma abantu birirwa baricwa bahorwa imigambwe barimwo canke ubundi bubebigito. Nta kintu na kimwe gituma abantu bapfungwa agashinyaguro. Ngira namwe aho mugeza amaso, murabona yuko iyi ntwaro ya Nkurunziza isigaye isumvya ububisha intwaro z'igikenye twari twaragwanije zitwaza intara, ubwoko n'ubundi bukunzi bw'inda. Nk'akarorero ka vuba, Ni nde yosigura igituma bagandagura bunyamaswa abatamakazi nka barya ba nyokuru, ababikira, b'Abataliyano? Kandi bazobahumira. Mbe mu guta mu mvuto umutama Petero Karavera Mbonimpa mubona bamuziza iki ? Bob Rugurika aho kumuta mu mvuto bari kumushimira bakanamuha n'ikidari c'abitangira ukuri, muri bimwe umukuru w'igihugu yirirwa aratanga, akabiha ba nkunzi gusa bo mu nzu.
Twashaka rero kubasaba mwese kandi muri benshi mukunda igihugu canyu cabibarutse ko mwokwitegurira gusezera intwaro z'igikeneye ubutakigaruka, mukore uko mushoboye kugira ivyo bikorwa vyose bigayitse vy'akarwi kari kw'isonga ry'igihugu bije ahabona. Dusubiye gutera akamo abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi baje hamwe n'abandi ku neza y'igihugu bavyiyamirize ata guhigimanga. Bibandanije, igihugu kizogwa ma kaga, nabo nyene bibuke kubogora basheshe. Igihugu ntikirwe mw'isanganya tubona, muhabere abagabo koko, igihugu camye gitabarwa n'abagabo. Na kare bavuga bati:"Agasozi k'amarere kahiye abagabo babona"

Muti none twobigenza gute?

7. Ikigira indwi: Mu butumwa twarungikiye umwaka uheze abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi, twarabibukije ko bobera abandi akarorero. Turababwira yuko abari kw'isonga ry'ubutegetsi bamwebamwe bameze nk'amabingira. N'aho boba babanotorerako, amatungo yose aherera mu mipfuko yabo. Kwubaka igihugu si ukwubaka amazu, si uguhiganwa mu kuduza amagorofa y'akataraboneka. Kwubaka igihugu ni kugitunganiriza umugambi urashe, ukawumvisha abanyagihugu, bakawukurikira bakawuhurumbira. Nta mugambi wo kwica, gukumira canke gutoteza abandi wubaka. Ubutegetsi bushimikiye ku mugambwe umwe mu gihugu ntaho ugishikana. Uburorero bwinshi murabuzi, kandi mwarabubonye. Ni na co gituma ibikorwa vy'ugutoteza iyindi migambwe, canke ukuyicamwo ubunywenywe ari bibi cane, bikagira ingaruka mbi mu gihugu cose. Ubutegetsi bugendera kuri demokarasi bwama na ntaryo bukora uko bushoboye kwose kugira ngo imigambwe ifise ivyiyumviro bitandukanye ikore ku mugaragaro, mu mwidegemvyo, kuko mu vy'ukuri iyo migambwe iratuma ubutegetsi butijajara , bukagira ico butinya, maze bukaguma ku murongo. Kubirwanya na kwo ni ubwa mbere kuvyiyamiriza. Hanyuma ni uguhaguruka mukigisha demokarasi ishimikiye ku migambwe myinshi kandi mukabigendera. Mubigendere ku buryo barya bashaka kutugarukana mu ntwaro zataye igihe basigara bamaramara, na bo babone ko batera ibipfunsi bidashika. Urwo rugamba, nimwemere mururwane. Kuko ni urugamba rw'iteka.
Mwigishe kandi amatora, atari ay'ugusubira kwimika umugambwe usanzwe utwara, kuko amatora ari ikiringo nta ngere c'uguha amanota abatware, canke imigambwe barimwo. Ni ikiringo co kubashimira canke co kubagayira. Turabasavye ico kiringo ntikibajane canke ngo mugipfishe ubusa. Ibi bintu vy'ugutoteza umurundi mwene wanyu mwonse rimwe, vy'ugutoteza iyindi migambwe, vyo gusahura ata kinya ubutunzi bw'igihugu, abarundi bagasigara bifumbereje, ibi bintu vy'ugushaka kuguma ku butegetsi ubuzima bwose , Ibwirizwa Shingiro rihonyanzwe, ibi bintu vya ka mwana wa mama na mpinga yanje , usanga hari intara zigezweho izindi zikibagirwa nkuko umengo izindi ntara ziri mu kindi gihugu atari Uburundi, ibi bintu vyo kuvyura amacakubiri y'amoko yariko ararangira, ibi bintu, bagabo ba mama, harageze ko mutabandanya kubisabirako, kuko n'abigeze kubikorerako ntivyabereye. Haguruke rero muvyiyamirize mutarya umunwa, mushengeze ako kagwi gashaka gufatira amaboko imugongo abarundi.

Barundi, Barundikazi,

8. Ikigira umunani: Mwebwe abanyagihugu, ni mwe mufise ijambo rya nyuma, nta ntwaro z'igikenye zananiye abanyagihugu bahagurukiye rimwe kumwe mwabica bigacika hirya y'ejo mu kwigina irekurwa rya Bob Rugurika. Abibaza ngo Uburundi si Burkina Faso, bamenye yuko Uburundi bugona bukanura. Abarundi barazi kandi ko ata munyamahanga azoza kubabohoza batavyikoreye bo nyene. Koresha rero inguvu mufise, mugondoze intwaro ya Nkurunziza yumvirize akamo k'abarundi n'amakungu, na kare abakurambere barayamaze bati:" Kananira abagabo ntiyimye". Nimugarukire igihugu dutuze amasiha mu kigega ca Reta. Tuvire hasi rimwe , tugondoze Nkurunziza tumwibutsa yuko ikiringo ciwe kigira kabiri kirangira uyu mwaka, iginekerezo rya 26 Myandagaro 2015. Ko rero ico gihe kigeze yokinjura akagenda akiri mwiza, kandi abimenyeshe abarundi uku kwezi nyene. Ni arekere abandi, muri demokarasi ni ko bigenda, kuko si umwami, abitoza mu mugambwe wiwe ntibabuze, maze bahiganwe n'abo mu yindi migambwe.
Ntimusinzire umukondorazosi, mwame maso, mumenye neza yuko umugambwe uri ku butegetsi ugejeje kure igikorwa co kwiba amatora wishimikije umurwi CENI usigaye wigenza nk'urwego rwa CNDD-FDD. Ari naco gituma nsubiye kubibutsa ko tutokwirengagiza ico kibazo nkoramutima kugira dukore ibishoboka vyose abagize uyo uyo murwi bahindurwe imbere y'amatora maze ujemwo abarundi twese twumvikanyeko kandi twizigiye. Vyongeye ntitwibagiye ko ubusuma bw'agahomerabunwa muri aya matora bwakozwe igihe co gutanga karangamuntu n'igihe c'iyandikwa ry'abageze gutora. Hari n'ibindi ibibazo rero bihambaye bitegerezwa kuva mu nzira kugira tuje mu matora imitima iri munda, muri ivyo twovuga nk'ibi: iterabwoba n'umutekano muke biterwa n'Imbonerakure umuhari ufise ibigwanisho kandi wegamiye umugambwe uri ku butegetsi, abanyaporitike bapfungiwe ubusa n'abandi bahunze, abandi nabo bakurikiranwa n'imanza zitagira ifatiro kugira ntibaze bashobore kwitoza, aho ntituvuze amabwirizwa n'amategeko atorohereza umwidegemvyo mu matora n'ibindi. Ivyo bitavuye mu nzira ayo matora aho gushayura demokarasi ashobora kuvamwo umudugararo mu gihugu. None mubona twobireka uko? Oya namba. Ntituze twibuke kuyora twasheshe. Ibitosi nk'ivyo ntitwobigenderako, kuko na ba sokuru barayamaze bati "ntawisigira ku buhoma canke ngo arimire ku rwiri". N'amatora ari amatora arasubirwamwo mbanze ndeke iyandikwa kandi ari ryo fatiro ry'ayo matora nyene.

9. Ikigira icenda: Aka kamo tugateye abarundi bose bemera demokarasi bo mu bwoko bwose: abahutu, abatutsi n' abatwa, bemera ko abarundi bangana, bazi ko ubwoko Atari bwo bubi, ahubwo ko ububi ari ubutegetsi bw'abo ba "mpemayuzuye", bigaruriye ubutunzi bwose bw'igihugu. Tugateye abantu bazi ko ata ntara mbi ibaho, nta n'umwe muri twese yasavye kuvukira mu ntara kanaka, intara zose zirafise abantu benshi bemera bakagendera demokarasi n'abandi bari ku rushi ba "sesankuyoze". Mu myaka iheze twagwanije umugambwe UPRONA warimwo akagwi k'abantu bahenda abandi ngo batwarira ubwoko bwabo. N'ubu tuzobandanya tugwanya ivyiyumviro vy'amacakubiri ayo ari yo yose aho yoba aturutse hose. Tukabateye twipfuza ko amatora twimirije yoba mu mutekano, ariko canecane agategurwa mu mutekano, mu mwidegemvyo. Muze mutore abarundi n'abarundikazi bafise imigambi izobamara inyota n'inzara, imigambi ibavana mu buja no mu mwijima, ibavana mu bukene n'ubushomeri, imigambi inywanisha abarundi, imigambi ituma amasiha atuzwa mu kigega ca Rata, imigambi igarukana umutekano kuri bose, izogarukana itunga ryanyurujwe mu kigega ca Reta.... Ivyo na vyo si barya banyonyezi bazobigira canke ngo babidufashemwo. Ni twebwe twese rero dutegerezwa guhaguruka, duhereye ku bari mu migambwe ihurikiye mu runani ADC-Ikibiri bavyiteguriye kuva kera, tukavyumvisha n'abo bagotewe mu mugambwe uri kw'isonga ry'ubutegetsi. Hasigaye gusa ko ifirimbi y'amatora ivuga. Igiti ntikidukore mu jisho kabiri . Ibrahimu Lincoln, yahoze ari Umukuru w'igihugu ca Reta zunze ubumwe zo muri Amerika ni we yavuze ati : "urashobora guhenda igice c'abanyagihugu igihe cose canke guhenda abanyagihugu bose igice c'umwanya, ariko ntushobora guhenda abanyagihugu bose igihe cose". Ako ni ko kajambo twotahana.

Ni Tugire Amahoro, Iteka n'Iterambere!

Ku wa 28 Ruhuhuma 2015
Leonarudo NYANGOMA,
Umukuru w'umugambwe CNDD

Les dernières actus


Déclarations
Mupfasoni Ntibwirizwa Bernadette umutambukanyi w’umuhisi Ndarubagiye Leonce, muryango usigwa na Leonce Ndarubagiye Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe ...
En savoir plus
Déclarations
Le président du parti CNDD, l’Honorable Léonard NYANGOMA a une profonde affliction d’annoncer le décès du Secrétaire Général de ...
En savoir plus
Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Prev Next