jeudi, 18 janvier 2024 10:06 Écrit par  CNDD

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’UMUGAMBWE CNDD, Leonarudo NYANGOMA RYO KWIPFURIZA ABARUNDI UMWAKA MWIZA MUSHASHA WA 2024

Bagumyabanga ba CNDD
Bagumyabuntu ba FFD
Namwe Ntebutsi za JPD
Barundi,
Barundikazi,
Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,

1. Munkundire ntangure kubaramutsa n’urukundo rwinshi hamwe n’inkumbu mfise ku mutima nti Nimusangwe iteka, itekane n’iterambere muri demokarasi.

2. Murazi yuko tumaze kubigira umugenzo mu bihe nk’ibi vyo gusozera umwaka twinjira mu wundi. Turafata akanya ko kubipfuriza mwese iyo muva mukagera, kurangiza neza umwaka wa 2023, maze mutangurane umushasha wa 2024 mu mahoro. Uyu mwaka mushasha uzobabere uw’amagara meza, ingoga nyinshi n’iterambere mu banyu no mu vyanyu! N’aho turi mu mu ngorane nyinshi zitagira urupimo, ubukene butagira izina, inzara izura inzara, ubushomeri umengo ni akaranda, umutekano udashemeye... Ndabipfurije mwese rero gusanganira n’uguhimbaza umwaka mushasha mu rweze no mu mahoro. Mwiginane kandi musangire ivyo mufise mudakebaguzwa, mugamije n’ukuwuranguramwo imigambi ikomeye, na canecane kwitegurira amatora yimirije muri 2025 ; tuze dutahukane intsinzi ya Demokarasi nk’uko twabigize mu 1993. Maze dushire mu ngiro imigambi itomoye ya CNDD, tubereke ubudasa. Turabararitse rero mwame maso, na kare ngo Uwutambana na mukeba ntakubita urugohe. Mufise amabanga ahambaye yo guteramira demokarasi twahabiye kuva kera, benshi cane bakayigura ubuzima bwabo, kugira ntitunyererane turorera.

3.Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD,
Mu gihe rero c’ukurangiza umwaka, harabaho ukwirimbura; ugusubiza agatima impembero, haba ku bw’umuntu umwumwe, haba mu muryango wiwe, mw’ishirahamwe ryose yoba arimwo canke umugambwe, tudasize inyuma ivy’igihugu cose.
Ko turi mu mugambwe wamye ushira imbere imibereho myiza y’abanyagihgu na canecane batobato, umugambwe uharanira demokarasi y’ukuri atari ivyo akarimi, umugambwe wemera yuko itunga ry’igihugu ritegerezwa gusabikanywa ata wandya wangura: umunyagihugu wese akaba ashobora kwivuza, kurungika abana kw’ishure bakiga gushika iyo biyumva, kuronka uburaro bubereye, abanyagihugu bakaba bashobora gufungura neza, ubukene n’ubushomeri bigasezererwa, amashirahamwe yose na canecane ayaharanira agateka ka muntu, yaba amasendika, akaba ashobora gukora mu mwidegemvyo. Iyo ikaba ari yo ngendo yerekana koko yuko mu gihugu hari demokarasi.

Aha tworabira hamwe canecane ibituma Demokarasi iriko irasubira inyuma nk’ibirenge mu gihugu cacu.


Uwu mwaka rero wa 2023 urangiye, waranzwe n’ibintu vyinshi bituma ubuzima bw’igihugu n’abanyagihugu butituka bigasubiza inyuma Demokarasi. Ibikurubikuru twovuga ni nk’ibi: ubusuma bwabaye nk’ubuhizi mu gihugu, kubura amafaranga mvamakungu, igurishwa ry’amasosiyete ya Reta, kugena Umugwi ujejwe gutegura no gutunganya amatora ugaragara neza ko ata bwigenge na butoyi ufise imbere y’umugambwe wihagiye ubutegetsi ; ubushomeri n’ubukene biguma vyiyongera.

1°Ubusuma bwabaye nk’ubuhizi. Mu vy’ukuri abanyagihugu benshi bari bashimye ingingo Umukuru w’igihugu yafashe yo kurwanya ubusuma ahereye ku bategetsi bo hejuru nk’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere. Ariko n’ubu Abarundi baracafise amakenga. Baribaza ibituma uyo yahoze ari umushikiranganji wa mbere ataburanye mu ntahe y’icese Abarundi bakumva ingene yiregura, bakamenya amahera yasahuye ingene angana, abo bafadikanya n’iyo yayanyegeje. Kandi biragaragara yuko hari abandi ba karuhariwe mu bunyonyezi, nk’abasahuye amahera yari agenewe kwubaka urugomero rw’umuyankuba i Bubanza. Ni kuki gushika n’ubu abategetsi badashaka kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro mu kwerekana ubutunzi bafise bacinjira mu mabanga ahambaye n’igihe bayavuyemwo. Mbe bamwe Denise, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yise ‘’abarundarundunya’’ ko badafatwa? Amafaranga yavuye muri ya mabuye y’agaciro yacukuwe i Gakara yarengeye hehe? Izo nzu z’amagorofa na Reta idashobora kwubaka zinyanyagiye hirya no hino ziri ku gatwe k’abantu bamwebamwe ko ata butungane bwigera bugira uwo bubibaza vyitwa ngo hariho Sentare irwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo y’igihugu.
Abanyagihugu baripfuza kumenya amahera yose amaze kunyonyezwa n’ayamaze gushika mu kigega ca Reta kuva mu mwaka wa 2005, eka mbere n’imbere y’aho.
Ku vyerekeye ugusesagura amatungo y’igihugu : ba sokuru ni bo bayamaze bati Umwera uva i bukuru ugakwira hose. Mu gihe ata gitoro kiba kiriho, Umukuru w’igihugu ntibimutera isoni guca mw’ibarabara wenyene n’umurongo w’imiduga mininiminini inywa igitoro cinshi nk’indege. Hagati aho bakabuza abenegihugu gupfuma bigira n’amakinga basi canke imoto hamwe na twa dutukutuku bitanywa ibitoro vyinshi ! Igikuru ni ukucungera ko bubahiriza amategeko y’ibarabara nk’umuvuduko. Kira noneho, nta wurenga imetero ijana atabonye umuporisi kw’ibarabara. Uburundi ntiburagera aho bwobuza abantu kugendera ku makinga. Ah’ubwo n’abategetsi bari bakwiye gutanga akarorero bakifata nk’uko igihugu kiri aho kugura amamodokari nk’ama ‘’V8’’ n’izindi no mu bihugu bitunze batubahuka kugura. Nibafatire akarorero ku babaye intwari nka Sankara n’abandi aho kwirirwa mu ndege zo hejuru n’izo hasi…Ikindi cosahiriza ku mafaranga mvamakungu, hari ingendo nyinshi z’umukuru w’igihugu yivira hasi kandi yotuma guserukirwa nk’uko benshi bama babigize mu ntumbero y’ukugabanya ikiguzi c’izo ngendo.
Muri ya ngendo yacu yo gukebura, ntitwogenda tudakebuye kandi gutanga akarorero keza kavuye hejuru ku bijanye n’inyambaro z’abakenyezi b’Abarundi, zibabera cane. Ejo hazokwaduka indyane mu ngo kuko umugabo adashoboye kwambika umukenyezi wiwe injabuka, canke na ho umukenyezi afatire ideni ico, kubera ko badatozwa kwifata uko igihugu kiba cifashe. Ngo Bibwirwa benshi…

2° Mu gihe c’ibibazo abashingamateka bashikiriza rero, umushikiranganji w’ivyo ubutunzi yaratangaje yuko ata mahera mvamakungu akwiye kugira Reta ishobore kugura ibintu vya nkenerwa biva hanze nk’imiti canke ibitoro. Nta gishasha yavuze, kuko FMI yarabivuze, tukibaza ibituma Reta ikwega amaguru mu kumenyesha abanyagihugu ingorane ifise. Vyerekana yuko ata mwimbu ukwiye mu gihugu nk’imfungurwa canke icayi, ikawa, ubutare, isukari, n’ibindi Reta canke abanyagihugu bafise bashobora gushora hanze kugira baronke ayo mafaranga mvamakungu, canke bahagarike kugura hanze ivyo dushobora kwihingurira. Ivyo bituma bwa bukene buguma bwiyongera, co kimwe n’ubushomeri. Mu gihe ata bitoro biboneka, abanyagihugu badashobora kuronka ikibunguruza, ni ngombwa ubutunzi bw’igihugu buzingame, ivy’imibano n’ibindi bigeramirwe. Abana mu mashure bakiga batubitse umukanda, abanyeshure muri kaminuza bakabura ka gafashanyo Reta yahora ibaha kugira bashobore kwiga neza, bafise uburaro, bashobora gufungura neza. Vyongeye, birababaje kubona Kaminuza y’igihugu idashobora kwakira n’ic’icumi c’abanyeshure baba batoye ca kibazo co kwinjira muri kaminuza. Ni agahombo gahambaye cane ku gihugu no ku Burundi bw’ejo kuko na kare ngo Izija guhona zihera mu ruhongore !

3° Amasosiyete atuma igihugu cigenga koko yaragurishijwe
Amwe nka ONAPHA yahingura imiti canke Ileteri yahingura amata zugawe kera imbere ya 2005. Izari zisigaye nka COTEBU yahingura impuzu, ikivuko c’i Bujumbura, OCIBU yafata mu mugongo abarimyi b’ikawa n’izindi zose zagurishijwe inyuma ya 2005 babanje kuzihomvya nk’uko bagomba kugira SOSUMO, Sosiyete yafata mu mugongo abarimyi b’ipampa n’izindi... Nkunda kuvuga nti ubwo butegetsi budahindutse n’impwemu duhema bazozigurisha. Ata masosiyete y’amahinguriro, ata muyagankuba nta kazi kaboneka, nta mwimbu uboneka wo gushora hanze kugira turonke ya mafranga mvamakungu. Muragabe, mu misi ya vuba, muzosanga na Regideso canke ONATEL bazicishije ku w’epfo.

4° Ubushomeri n’ubukene buguma bwiyongera. Ibimenyetso vyerekana ubukene ni vyinshi. Haheze imyaka igihugu cacu kiri mu bihugu bitanu vya nyuma bikenye kw’isi nzima. Mu gihugu kidafise amasosiyete y’amahinguriro gisasira indava ubukene kubera ko akazi kataboneka. Ifaranga ryacu rita agaciro kubera izo mvo. Imishahara igatituka, ugasanga nk’umupfuko w’isima wagurwa amafranga 1800 muri 2005, ubu ugurwa 40.000, ni ukuvuga ko ibiciro vyongerekanye akarenga 200%, imishahara na yo yagabanutse 1000%. Eka vyinshi ubibona ugiye kw’isoko aho ikilo c’umuceri kigeze kuri 4.000 cahora munsi ya 2.000 nta myaka ibiri ihaciye.
Ikindi kimenyetso kiranga ubukene, ni uko ibice 80% ry’urwaruka rurangiza amashure hafi, 80% ruri mu bushomeri butagira izina, ugasanga urwaruka rwacu arirwo nkingi y’iterambere rwahereye hanze mu bindi bihugu bibanyi canke vya kure. Ikibabaje kigasonga ugasanga hari n’amasosiyete azwi na Reta agurisha bamwe muri urwo rwaruka hanze mu bihugu vy’abarabu !

5° Umurwi ujejwe gutegura no gutunganya amatora yimirije.
Nk’uko mubizi, amatora ni kimwe mu biranga intwaro ya demokarasi. Ariko, kugira amatora agende neza, abanyagihugu bose bayiyumvemwo, ni uko amatora aba ahagarikiwe n’umugwi bose bizeye. Urya mugwi CENI twowugereranya n’umuhagarikizi w’umupira. Mu rukino rw’umupira hama hariho umuhagarikizi w’urukino, urya avuza ifirimbi igitsindo cinjiye bose bakacemera, canke habaye ikosa. Uwo muhagarikizi nta ruhande aba yegamiye, ntaba ava mu mugwi A canke B. Ariko twaratangaye twumvise ingene uyo mugwi CENI uheruka kugenwa dusanze abawugize nka bose bava mu mugambwe umwe uri ku butegetsi. Umugwi nk’uwo imbere yo kuwushinga vyoba vyiza habaye umwumvikano hagati y’abazokina, ni ukuvuga imigambwe izokwitaba amatora. Ndetse nk’uko vyagenze mu matora yo mu 1993, imigambwe yose izoja mu matora yoserukirwa muri uwo mugwi.

Ari co gituma dusavye yuko uyo mugwi wosubirwamwo, hanyuma imigambwe yose izoja mu matora igaserukirwa muri urya mugwi.
Bigenze uko, ayo matora yorangira ata gahigihigi kabayeho, bigatera iteka igihugu nk’uko twabibonye mu 1993, bigashimwa n’abanyagihugu benshi kiretse akagwi k’ingunge kaciye kiha ibara mu kugandagura umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior. Ivyo rero bishobora kudusubiza mu ntwaro y’umugambwe umwe rudende no kutwaka ijambo.
Tutarikanuye, umugambwe wihagiye ubutegetsi bwose, ufise ingendo yo kudusubiza mu ntwaro y’umugambwe umwe tuzi ingaruka zayo, kandi ugashira imbere akarwi k’abantu bari ku rushi bigungiyeko itunga nka ryose ry’igihugu. Aha rero, baba abiyumva mu mugambwe uri ku butegetsi, baba abatari muri wo, bamenye ko igihe Demokarasi isubiye inyuma, igihugu cose kihahombera, ishaka ry’ugushinga imigambi mu mwidegemvyo rikabura aho rifatira, maze igihugu aho gutera imbere kigasubira inyuma nk’ibirenge; kuko usanga hari akagwi kagomba kwigarurira ivy’igihugu cose. Ngo inda woyibarira uwayirayeko.
Ikindi cibonekeza cane ni uko abatwara kuva mu 2005 gushika ubu, bafise inyifato nk’abasoda bagize Kudeta, aho usanga isonga ry’ubutegetsi bwose riri mu minwe y’abasirikare. Eka ni murabe namwe Umukuru w’igihugu n’abamukikije gushika n’aho Umuyobozi mwishikira ajejwe ivy’igisivire ari umujenerari!

4.Bagumyabanga ba CNDD, Barundi mwese.
Izo ngorane twadondaguye zose, zirashabora kurangira, igikuru ni ishaka muri poritike hamwe n’imigambi itomoye. Iyo migambi tugiye kuyibashikiriza muri uyu mwaka wa 2024 buca utangura. Reta ya CNDD itegerezwa gutsinda inzara, ubusuma, ugusesagura, ubushomeri n’ubukene n’izindi ngorane zibangamiye igihugu mu myaka itanu. umugambwe CNDD ntuyaga amasigaracicaro, imvugo yama ijana n’ingiro. Ni co gituma mu matora yimirije mu 2025, turaritse abanyagihugu kudasubira kujuragirika, nuguha amajwi CNDD kugira dushayure igihugu kiri mu kaga, maze bibonere ubudasa.
Sinagomba kurandira cane muri iri jambo ry’ukwipfurizanya umwaka mushasha. Canecane mu mwirimburo, nashatse gukebura ubutegetsi, kuko nyamubura ikimuhanura ni we nyamubura ikimuhamba. Nashatse kandi kwibutsa ivyatumye dushinga uwu mugambwe CNDD, benshi bakahasiga ubuzima, ata kindi baharanira atari uguhabuza demokarasi, umwidegemvyo Iteka n’Iterambere kuri bose. Aho tugeze rero ni ukuyiteramira ntidusubirane inyuma nk’ibirenge. Tukaba rero twagomba kuriheraheza dusaba ibi bikurikira:

1°. Ku neza y’Uburundi n’abarundi, dusubiye gukebura abategetsi b’iki gihe, ko bokwama bibuka iyo twavuye, bakavavanura n’agatima ko gusubiza igihugu mu ntwaro y’umugambwe umwe rudende, birinde kandi n’agatima ko guhungabanya ubumwe bw’abarundi twarazwe na basokuru.

2°. Kugarukana umwuka mwiza n’ituze mu gihugu. Ivyo tukazobibona igihe Reta izorekura abo bose bapfungiwe ubusa, na canecane abapfunzwe hafatiwe ku vyiyumviro vyabo vya poritike. Muri ibi bihe, ivyo bizogaragara igihe Reta ishizeho umugwi CENI ujejwe gutunganya amatora, uhurikiyemwo imigambwe yose izokwitaba amatora, ukaca wicarira gushiraho ya yindi migwi yo mu ntara bose biyumvamwo. Inzitizi zose zibuza ihiganwa kuri bose nk’amafaranga y’umurengera asabwa abagomba kwitoza zitegerezwa kuvaho. Tuzobibona kandi igihe umukuru w’igihugu na Reta yiwe afashe abasuma bose na canecane barya banyonyeje igihugu n’ikigega ca Reta, akongera akama yatangaje buri kwezi amafranga yagarukanye mu kigega ca Reta. Bizogaragara kandi igihe ahagaritse igurishwa ry’amasosiyete ya Reta mwabiriye akuya, yongere asubize mu minwe ya Reta ayamaze kugurishwa yose kugira umwimbu mu gihugu wongerekane, ubushomeri n’ubukene birangire. Ivyo rero ategerezwa kubigaragarisha ishaka riboneka atari mu majambo gusa. Kuko Vyinshi, vyinshi cane ni amajambo gusa, canke ngo azovyikorera vyose kandi igihugu gifise abahinga bakwiye. Ahahinga rero, si ukuba uri mu mugambwe uri ku butegetsi.

3°.Dusavye Umukuru w’igihugu na Reta yiwe ko yokuraho inzitizi zose zibuza abahungiye mu mahanga gutahuka mu gihugu c’amavukiro, maze bose bafatwe kumwe, kuko nta nyagupfa na nyagukira, ivy’igihugu tubisabikanye vyose, mu bikorwa no mu mwimbu wavyo.

5. Ku vyerekeye umugambwe wacu CNDD,

1°. Dusubiye gufata akanya ko gukengurukira cane abagumyabanga ukuntu bakomeje bafatana mu nda, ntibahugumbwe, bagakomeza baharanira akarangamutima k’umugambwe wacu.

2°. Dusubiye kubasaba kurigumya. Muteramire ako karangamutima aho muri hose n’igihe mugiye mu nama zitandukanye.

3°. Igikorwa c’ugukomeza umugambwe, duhereye ku nzego zawo ni ico kwamizako, na canecane muri za ntara nshasha zitanu na ya makomine mashasha 42. Tutibagiye gutanga intererano kuko ni na ho dushobora kurangura ivyo twiyemeje biri muri rwa rupapuro rw’inzira gushika mu 2025, no gushinga ikigega tuzokwikorako mu matora ; vyunganiwe n’inyigisho twama twabashikirije. Maze uyu mwaka mushasha wa 2024 uze urangire twamaze gutanguza rya Shure y’umugambwe.

4°. Dusavye dushimitse ko Abagumyabanga ba CNDD bokwiyungunganya mu kwegeranya izo ntererano kugira dushobore gushira mu ngiro iyo migambi yose, tugumane n’igihagararo ciza mu gihugu no mu makungu. N’aho tuzi hari ubukene buzura inzara, burya isorosoro rigwirira iyo rirora. N’aho n’imiburiburi umugumyabanga wese yohebera icupa rimwe ku kwezi ku kwezi umugambwe, uravye uko tungana mu gihugu cose, ayo mafaranga ni menshi cane. Kenshi rero habura ishaka. Iryo na ryo ni karahara mu rugamba ntibacura. Abagumyabanga bose, tudasize inyuma abari mu mahanga, ako kamo dusavye cane ko bokwerekana ko bakumvise muri uyu mwaka tugiye gutangura.

5°. Nsubiye kandi kubararika kugira murushirizeho uyu mwaka mushasha wa 2024 kwijukira amashirahamwe yo kwiteza imbere na canecane amakoperative, gutyo muzokwikenura muronke n’ico muterera umugambwe.

6°. Nk’uko bimeze no mu makungu, urwaruka rwama ari imboneza mu guharanira no mu guteramira demokarasi. Tuzokwihatira kuremesha inyigisho zikenewe kugira urwaruka rwose ruce urwevu, ntihagire abohava barusinziriza kandi rumenye gutandukanya urwamfu n’ururo.

Twoba turagejeje ngaho, dukwiye kwiga uburyo bwose bushoboka bw’uguhanahana ivyiyumviro na canecane dukoresheje ubuhinga bwa none, ubuhinga ngurukanabumenyi, n’amaterefone ashobora gukoresha ubwo buhinga.
Ndangije nsubira kubipfuriza umwaka muhire wa 2024. Uze urangire Uburundi bwagize iyindi ntambwe mu gushira imbere na ntaryo ingendo ya demokarasi itandukanye cane n’intwaro y’igikenye y’umugambwe umwe, twongere dusubire kugira ijunja muri Afrika no mu makungu.

Ni hahangame Uburundi, Ni hahangame umugambwe CNDD – Tugire Amahoro – Iteka n’Iterambere!

Umukuru w’Umugambwe CNDD
Umushingamateka Leonarudo Nyangoma

Les dernières actus


Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
  Après le coup d’État au Niger, la France se retrouve dans une impasse. En tant que mouvement transnational regroupant des organisations ...
En savoir plus
Prev Next