3. Mu mibano, HAKIZIMANA J BOSCO yari umuvyeyi w’abana benshi. Yarafashije abatari bake mu buzima bwabo mu kubahanura no kubaterera ivyiyumviro, eka mbere no mu bindi baba bakeneye. Abamwituye bose yarabigoreye ukwo ashoboye. Ku Giti ciwe, abana benshi barashoboye kwiga amashure haba mu gihugu canke hanze ; kandi irembo ryiwe ryama ryuguruye. Arinze aganuka agifise abana iwe kuko ntiyigeze adebukirwa. Yari umuntu kandi aryosha ikiyago, aho ari ntawamugirana irungu, yama riko aritwengwatwengera n’umutima w’igishika cinshi cane.
4. Muri poritike yarakoze vyinshi kandi akoresheje uburyo bwiwe. Ndibuka nk’igihe twariko turaharanira umuzo wa demokarasi mu mugambwe FRODEBU, BOSCO yabaye mu bambere bashinze uyo mugambwe. Ico abantu benshi bamwibukirako ni irya mitaka twambara mu kwiyamamaza, ni we yayirondera, ndibuka ko yigeze kugura imitaka yuzuye ifusu nzima. Inyuma y’intsinzi, umukuru w’igihugu NDADAYE MELCHIOR yaramuteye iteka, amushinga amabanga ahambaye, yo kurereka abo bose bafise akatima ko kunyonyeza ikigega ca Reta, kandi yaramaze gushengeza abatari bake. Mu rugamba rwo guhabuza demokarari muri CNDD rwasaba uburyo bwinshi cane, BOSCO tumushira muri batatu bambere batanze uburyo bwo gutanguza urugamba, icabura cose, Bosco yaca yigora akakirondera. Ndibuka yuko n’ivuriro twashoboye gutanguza i Mkware muri Tanzania ryakira imbabare zo mu ngwano ari BOSCO yaryuguruje, ngira nta waciye ku rugamba rw’umuheto atamuzi. Ntawodondagura ngo amare ivyo BOSCO yakoreye igihugu ngo abimare.
Umuvukanyi wacu tubuze ntiyigeze agira inda nyango canke ateranye abantu. Ikitavuzwe co ni gusotora abandi. HAKIZIMANA Jean Bosco rero yari yarubatse urugo, akaba asize umuryango ugizwe n’umutambukanyi wiwe Alice NDORICIMPA be n’abana babiri aribo KANYAMUNEZA Rachelle na KOMERA-MUGISHA Bélise hamwe n’umuryango wa SAHIRI Célestin, papa wa BOSCO. Nkaba nsavye abagenzi, incuti mwese mwogarukira ku muryango wa HAKIZIMANA JEAN BOSCO . Maze mukawuremesha mudahengeshanya Twongeye gusaba umuryango wa HAKIZIMANA BOSCO namwe ncuti bagenzi biwe ko mwokwigumya, maze mwihangane. Imana imwakire mu bwami bwayo
Igenekerezo rya 28 Ruheshi 2022
Leonarudo NYANGOMA, umukuru wa CNDD