mercredi, 06 janvier 2021 14:20 Écrit par  Leonard Nyangoma

Ijambo rishikirijwe n’umukuru w’umugambwe CNDD, leonard Nyangoma ryo kwipfuriza Abarundi umwaka mwiza mushasha wa 2021

Bagumyabanga ba CNDD
Bagumyabuntu ba FFD
Namwe Ntebutsi za JPD
Barundi,
Barundikazi,
Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,

Ntanguye kubaramutsa n’igishika cinshi, hamwe n’inkumbu mfise ku mutima nti Nimusangwe amahoro, urweze n’imigisha mu banyu no mu vyanyu. Nimusangwe iteka, itekane n’iterambere muri demokarasi.

2. Nk’uko rero twamaze kubigira umugenzo, muri ibi bihe vy’ukurangiza umwaka twinjira mu wundi, ntitwotangwa gufata aka kanya keza ko kubipfuriza mwese iyo muva mukagera, kurangiza neza umwaka wa 2020, maze mutangurane umushasha wa 2021 mu mahoro. Maze uyu mwaka mushasha uzobabere uw’amagara meza, ingoga nyinshi n’iterambere mu banyu no mu vyanyu! N’aho turi mu bukene buzura inzara, ndabipfurije mwese rero gusanganira n’uguhimbaza umwaka mushasha mu rweze n’amahoro, mwiginane kandi musangire ivyo mufise mudakebaguzwa, mugamije n’ukuwuranguramwo imigambi ikomeye, na canecane guteramira demokarasi twahabiye, benshi cane bakayigura ubuzima bwabo, kugira ntitunyererane turorera.

Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD,


Iryo jambo ry’uguteramira n’ugutsimbataza Demokarasi ni nkoramutima kuri twebwe. Ata demokarasi igihugu kirasubira inyuma nk’ibirenge, kuko na ba sogokuru barayamaze bati Ishiga rimwe ntiryarika. Bati wobwira uwumva.
Mu gihe rero c’ukurangiza umwaka, harabaho ukwirimbura; ugusubiza agatima impembero, haba ku buzima bw’umuntu umwumwe, haba mu muryango wiwe, mw’ishirahamwe ryose yoba arimwo canke umugambwe, tudasize inyuma ivy’igihugu cose.


Ko turi mu mugambwe wamye uharanira Demokarasi rero, aha tworabira hamwe canecane aho tugeze muri iyo nzira mu gihugu cacu.
Nta wuyobewe yuko mu biranga Demokarasi, ica mbere ari uko abanyagihugu bagira umwidegemvyo wo kuja mu mashirahamwe, mu masendika no mu migambwe bishakiye kandi mu mwidegemvyo ata gitsure. Bagashikiriza ivyiyumviro bitandukanye, ivyo akaba ari vyiza cane kuri bose kuko biruzuzanya. Hageze amatora, imigambwe igahiganwa ku mugaragaro, hagatsinda uwo abanyagihugu benshi batoye, kubera yashoboye kubashikiriza imigambi n’ivyiyumviro, bikabanyura. Vyongeye Demokarasi ntishobora gushinga imizi mu gihugu icarico cose, igihe itunga ry’igihugu risabikanijwe nabi nk’uko tubibona muri ibi bihe canecane hano iwacu.


Uwu mwaka urangiye rero waranzwe n’amatora. Ariko ntitwobihaga amatama, ivyayavuyemwo abanyagihugu benshi barabonye yuko biteye amakenga cane ku bijanye n’inzira ya Demokarasi, yari amatora y’inkinamico nk’uko twari twabibaburiye. Mu nca make, tutarikanuye, umugambwe wihagiye ubutegetsi bwose, ufise ingendo yo kudusubiza mu ntwaro y’umugambwe umwe tuzi ingaruka zayo, kandi ugashira imbere akarwi k’abantu bari ku rushi bigungiyeko itunga nka ryose ry’igihugu. Aha rero, baba abiyumva mu mugambwe uri ku butegetsi, baba abatari muri wo, bamenye ko igihe Demokarasi isubiye inyuma, igihugu cose kihahombera, ishaka ry’ugushinga imigambi mu mwidegemvyo rikabura aho rifatira, maze igihugu aho gutera imbere kigasubira inyuma nk’ibirenge; kuko usanga hari akagwi kagomba kwigarurira ivy’igihugu cose. Ngo inda woyibarira uwayirayeko..


Ikindi gihambaye mu ngendo ya Demokarasi, ni uguharanira n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu. Maze ivyo bigahera ku kureka abantu bakishira bakizana mu vya poritike. Twibutse incungu ya Demokarasi, Nyakwigendera Ndadaye Melikiyoro, mu ngingo za mbere yafashe kwari uguhindura isura n’ingendo vy’igisata c’iperereza. Ico gihe bacita “Sûrete Nationale” mu gifaransa. Ico gihe, ico gisata co nyene cari agasho gateye ubwoba kuko banahasinzikariza igufa ry’uwo ba Mbangamatwi bashikanyeyo. N’ayandi mabohero nka Mpimba ugasanga yuzuye abapfungwa bazira ivyiyumviro vyabo, abo bita impfungwa za Poritike. Turakwiye kwirimbura tukaraba aho ico gisata kigeze ubu n’uko abanyagihugu bakibona. Ubwo kirahumuriza? Nyakwigendera Ndadaye yari yagihinduye izina n’ingendo akacita “Documentation”, ni ukuvuga canecane gutorokanya inkuru zose zikenewe kugira ibice vyose vy’ubuzima bw’igihugu bigende neza, ikindi yakoze yaciye yugara ubusho bwose bw’ico gisata. Ikiranga rero umutegetsi mushasha wese ashaka kwerekana ko avavanuye n’ingendo y’ugupfungira abantu ubusa canke ivya poritike, ni ukurekura abapfunzwe bose babizira. Ni co gituma, nk’Umugambwe uharanira umwidegemvyo mu vya poritike, ata muntu yokwitwa ko agipfungiwe ivya poritike inyuma y’imyaka 20 dushize umukono ku masezerano y’i Arusha...


Bagumyabanga ba CNDD, Barundi mwese,


Sinagomba kurandira cane muri iri jambo ry’ukwipfurizanya umwaka mushasha. Canecane mu mwirimburo, nashatse gushira imbere icatumye dushinga uwu mugambwe CNDD, benshi bakahasiga ubuzima, ata kindi baharanira atari uguhabuza demokarasi, umwidegemvyo Iteka n’Iterambere kuri bose. Aho tugeze rero ni ukuyiteramira ntidusubirane inyuma nk’ibirenge. Tukaba rero twagomba kuriheraheza dusaba ibi bikurikira:
1. Ku neza y’Uburundi n’abarundi, dusubiye gukebura abategetsi b’iki gihe, ko bokwama bibuka iyo twavuye, bakavavanura n’agatima ko gusubiza igihugu mu ntwaro y’umugambwe umwe rudende, birinde kandi n’agatima ko guhungabanya ubumwe bw’abarundi twarazwe na basokuru.
2. Kugarukana umwuka mwiza n’ituze mu gihugu. Ivyo tukazobibona igihe Reta izorekura abo bose bapfungiwe ubusa, na canecane abapfunzwe hafatiwe ku vyiyumviro vyabo vya poritike; bizogaragara igihe Reta ihagaritse itotezwa ry’abatavuga rumwe nayo; tuzobibona kandi igihe Reta ivavanuye no kwama yashamiranye n’abatavuga rumwe nayo,maze ikagira intambwe ya mbere mu kwicarana nabo yinuba maze bagatorera umuti hamwe ibibazo vyose nkoramutima bigeramiye Uburundi.
3. Turashima ko Umukuru w’igihugu atanguye kuja mu makungu. Natere intambwe mu gukuraho inzitizi zose zibuza abahungiye mu mahanga gutahuka mu gihugu c’amavukiro, maze bose bafatwe kumwe, kuko nta nyagupfa nta nyagukira, ivy’igihugu tubisabikanye vyose, mu bikorwa no mu mwimbu wavyo.


4. Ku vyerekeye umugambwe wacu CNDD,
4.1. Dusubiye gufata akanya ko kukengurukira cane abagumyabanga ukuntu bakomeje bafatanye mu nda, ntibahugumbwe, bagakomeza baharanira akarangamutima k’umugambwe wacu.
4.2. Dusubiye kubasaba kurigumya. Muteramire ako karangamutima aho muri hose n’igihe mugiye mu nama zitandukanye.
4.3. Igikorwa c’ugukomeza umugambwe, duhereye ku nzego zawo ni ico kwamizako. Tutibagiye gutanga intererano kuko ni na ho dushobora kurangura ivyo twiyemeje, maze tukazobandaniriza kuri ya Ajenda twamaze gutangaza yari iyo gushika mu 2020, nayo ikaba ari isemo ya Ajenda 2025.
4.4. Dusavye dushimitse ko Abagumyabanga ba CNDD bokwiyungunganya mu kwegeranya izo ntererano kugira dushobore gushira mu ngiro iyo migambi yose, tugumane n’igihagararo ciza mu gihugu no mu makungu. N’aho tuzi hari ubukene buzura inzara, burya isorosoro rigwirira iyo rirora. N’aho n’imiburiburi umugumyabanga wese yohebera icupa rimwe ku kwezi ku kwezi umugambwe, uravye uko tungana mu gihugu cose, ayo mafaranga ni menshi cane. Kenshi rero habura ishaka. Iryo na ryo ni karahara mu rugamba ntibacura. Abagumyabanga bose, tudasize inyuma abari mu mahanga, ako kamo dusavye cane ko bokwerekana ko bakumvise muri uyu mwaka tugiye gutangura.
4.5. Nsubiye kandi kubararika kugira murushirizeho uyu mwaka mushasha wa 2021 kwijukira amashirahamwe yo kwiteza imbere na canecane amakoperative, gutryo muzokwikenura muronke n’ico muterera umugambwe. Uyu mwaka tuwite TWITEZIMBERE twivane mu bukene n’ubushomeri.
4.6. Nk’uko bimeze no mu makungu, urwaruka rwama ari imboneza mu guharanira no mu guteramira demokarasi. Tuzokwihatira kuremesha inyigisho zikenewe kugira urwaruka rwose ruce urwevu, ntihagire abohava barusinziriza kandi rumenye gutandukanya urwamfu n’ururo.


Twoba turagejeje ngaho, kuko n’aho hari ca kiza Korona Virusi kibangamiye amagara y’abantu kw’isi, dukwiye kwiga uburyo bwose bushoboka bw’uguhanahana ivyiyumviro na canecane dukoresheje ubuhinga bwa none, ubuhinga ngurukanabumenyi, n’amaterefone ashobora gukoresha ubwo buhinga.
Ndangije nsubira kubipfuriza umwaka muhire wa 2021. Uze urangire Uburundi bwagize iyindi ntambwe mu gushira imbere na ntaryo ingendo ya demokarasi itandukanye cane n’intwaro y’igikenye y’umugambwe umwe, twongere dusubire kugira ijunja muriAfrika no mu makungu.


Ni hahangame Uburundi, Ni hahangame umugambwe CNDD – Tugire Amahoro – Iteka n’Iterambere!

Umukuru w’Umugambwe CNDD

Umushingamateka Leonarudo Nyangoma

Les dernières actus


Déclarations
Depuis le mois de juin 2021, le gouvernement burundais s’est arrogé le droit de s’adonner à des destructions massives et systématique ...
En savoir plus
Actualités internationales
Excellence, Les militants du CNDD ont appris avec beaucoup de tristesse et stupéfaction la mort de son excellence John Pombe Magufuli , Président ...
En savoir plus
Actualités internationales
Célébrée chaque année le 8 Mars sur le plan international, la Journée Internationale des Femmes trouve son origine dans les manifestations des ...
En savoir plus
Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, Ntanguye kubaramutsa n’igishika ...
En savoir plus
Actualités internationales
Soit, par défaite de ces filles et fils DEBOUT partout sur le Continent et dans la Diaspora pour la défendre contre toutes les agressions ...
En savoir plus
Prev Next