vendredi, 22 mars 2019 10:44 Écrit par  CNDD

ITANGAZO RIJANYE N’INAMA YO KWIPFURIZANYA UMWAKA MUSHASHA WA 2019 YABEREYE KU NGORO NKURU Y’UMUGAMBWE I BUJUMBURA KU WA 16/03/2019

    1. Kuri uwu wa 16 Ntwarante 2019, ku Ngoro nkuru y’Umugambwe CNDD i Bujumbura habereye inama ihuza abeserukira umugambwe mu ntara zose hamwe n’abaserukira imihari FFD-Abagumyabuntu na JPD-Intebutsi.

    2. Intara zose kiretse Mwaro zari zaserukiwe, abavuye mu ntara hagati bakaba bangana na 38, abo mu gisagara ca Bujumbura 31. Abitavye inama bose bakaba bangana na 69 ; batatu b’i Mwaro batumenyesheje yuko basibiye mu nzira kubera abaporisi bababankiye kubandanya urugendo ngo kuko ata rupapuro rw’intererano y’amatora bari bafise.

    3. Iyo nama yatangujwe n’indirimbo yo guhayagiza umugambwe isaha zine z’igitondo.

    4. Umunyamabanga Nshingwabikorwa yaciye ashikiiza urutonde rw’ivyihwezwa n’ibikorwa bitegekanijwe uwo musi. Na vyo bikaba ari ibi bikurikira :

     Gushikiriza raporo y’ingene umugambwe n’ibikorwa vyifashe
     Guhanahana ivyiyumviro
     Gushikirizwa Ijambo ry’Umukuru w’Umugambwe rijanye n’uwo musi
     Gushikiriza mu ncamake icegeranyo c‘ivyashitsweko
     Gusangira agatutu k’uwo musi.

    5. Imbere y’ugutangura ibikorwa nyezina, abitavye inama babanje kwidondorana.

    6. Uwari arongoye inama, Nyakwubahwa Icegera c’Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe, Camarade Gratien NIZIGAMA yaciye asaba ko abaserukiye intara bashikiriza Raporo zabo muri make, mu gushikiriza uko umugambwe wifashe muri rusangi, uko inzego zifashe ku ntara no ku rwego rw’ikomine, ku mazone canke ku mitumba, harimwo n’iza JPD na FFD ; Imigenderanire n’inzego z’ubutegetsi hamwe n’ibijanye n’umutekano. Ido n’ido ry’izo raporo bigaca bishikirizwa Umunyamabanga nshingwabikorwa kugira bigiriwe icegeranyo rusangi.

    7. Baciye rero umwumwe wese ashikiriza uko umugambwe wifashe. Intara zose zikaba zagize ico zishikiriza kiretse Mwaro nk’uko twamaze kubishikiriza.

    8. Muri rusangi nka hose inzego zirahari ku rwego rw’intara. Ku rwego rw’ikomine si amakomine yose aserukiwe ku buryo usanga hari ikomine imwe, zibiri canke zitatu, zitagira abaziserukira, bivuye canecane kw’iterabwoba ryinshi aho usanga abahora baduserukira bamwebamwe, atari benshi ariko binjijwe ku nguvu mu mugambwe uri ku butegetsi canke na ho bagateshaguza bagahunga. Ido n’ido ry’uko intara imwimwe yose yifashe tubisanga mu cegeranyo kiramvuye c’iyi nama.

    9. Mu nyuma, harabaye ukwakira abagumyabanga bashasha bashika kw’icumi basanzwe mbere bafise ayandi mashirahamwe y’ukwiteza imbere bakoreramwo. Uwari abarongoye na we nyene yarahawe akaryo ko gushikiriza akajambo. Yashimikiye canecane ku gushimira indongozi z’Umugambwe uhereye ku mukuru wawo kubera ubutwari asanzwe amuziko. Yiyemeza kuzofasha mu vyo ashoboye anatumirira abandi gushira mu ngiro ivyiyumviro aho kugwiza amajambo, bakagwiza ibikorwa kugira umwe wese ave mu bukene, turabe ko twokwubaka igihugu ciza kuruta uko cifashe muri iki gihe.

    10. Ivyashitsweko n’ivyapfunditswe

    Haciye hakurikira Uguhanahana ivyiyumviro, mbere abitavye inama baragira ivyo basaba n’ivyo biyemeje.

    10.1. Muri rusangi abitavye inama basavye ko hogwizwa ibimenyetso vy’umugambwe, amadarapo, ama « dépliants » n’ibindi bifasha kumenyekanisha umugambwe. Ko Umugambwe wacu woja uragira ico ushikirije ku maradiyo kugira bitere intege Abanywanyi.
     Haciye hamenyeshwa ko amaradiyo yo mu gihugu yigenga vy’ukuri hasigaye nk’Isanganiro gusa, ayo hanze nka BBC n’Ijwi rya Amerika na yo nyene akaba yarahagitswe kuvugira mu Burundi. Haca hashigikirwa iciyumviro c’uguhanahana amakuru mu Kinyamakuruc’umugambwe « Ikete rya CNDD », hamwe n’ugukoresha uko bishoboka kwose ubuhinga bwa none.

    10.2. Abitavye inama barateranye intege, bati uwuserukira abandi agerageze yubahuke yimenyekanishe ku bategetsi kuko ivyo bimukingira kuruta kuguma mu rufuri.

    10.3. N’ubwo hari intara zibiri zashikirije amakenga menshi y’ugushinga Permanence kubera iterabwoba rikabije, bose barashaka Permanence n’imiburiburi ku ntara, ariko bagasaba ko Umugambwe woterera kuko abanyamugambwe bari mu bukene bwinshi ata buryo bafise bwo gushobora kuyirihira bonyene.

     Kuri ico kibazo, haciye hashikirizwa ko inyishu nyayo tuyisanga mw’ijambo Umukuru w’Umugambwe yashikirije kuri uwo musi, aho avuga ati « Uwudatanga intererano y’Umugambwe ntaba ari umunywanyi yuzuye namba. Kandi ntibivuna na gato, bisaba ishaka gusa ». Abandanya avuga ati « N’aho hari ubukene n’inzara izura inzara, guhebera icupa rimwe n’imiburiburi ry’urwarwa, iry’ifanta canke irya Primus canke irya Amstel wofashe ku kwezi, nka bose bobishobora, hamwe bafise ishaka ry’ugukunda Umugambwe wabo. Ati kuko nta kindi kibeshaho Umugambwe atari abanywanyi bawo.

    10.4. Hibukijwe ko kugira twitegurire neza amatora, hategerezwa kuba hari inzego zikwiye, ku nzego zose gushika no ku mitumba, atari aho nta kuntu twoshikira abanywanyi n’abanyagihugu bose.

    Imbere y’ugusozera ibikorwa vyo ku Ngoro y’Umugambwe, hakurikiye Ijambo ry’Umukuru w’umugambwe, mbere abaje bava mu ntara bose bakaba bagiye baronse iryo Jambo ashizwe mu Kinyamakuru « Ikete Rya CNDD inomero 3/93» hamwe n’Urupapuro rw’inzira kugira bisomere ibirimwo bitonze, babikorereko kandi babishire mu ngiro.

    Ivyo bikorwa rero vyabereye ku Ngoro nkuru y’Umugambwe vyasozerewe nk’uko vyari vyatanguye n’ururirimbo ruhayagiza umugambwe irangira isaha indwi na 50.

    Baciye bagenda gusangira agatutu mu kibanza cari cabitegekanirijwe, bariginana, batahana akamwemwe kenshi n’inguvu nshasha z’ugukora.

    Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 16/03/2019

    Ku bw’Umugambwe CNDD,

    KOBAKO Gaspard,

    Umuvugizi w’Umugambwe

    Les dernières actus

    
    Nouvelles du Burundi
    La participation des femmes burundaises  aux différentes institutions publiques connaît une très grande disparité des femmes par rapport aux ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Après avoir mené une campagne phénoménale et sociale, le Parti du Travail de Belgique (PTB) confirme sa progression partout dans le pays, avec ...
    En savoir plus
    Déclarations
    A. Les faits. 1. En date du 15 mai 2019, la justice burundaise inféodée à l’oligarchie au pouvoir à Bujumbura a annoncé la saisie des ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Barundi, BarundikaziWorkers and you who are joblessI greet you peace, dignity and prosperity!Let us please remind ourselves of why there has been a ...
    En savoir plus
    Déclarations
    BarundiBarundikaziBanyakazi ,Namwe mutagira akazi, Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere !Munkundire dusubire twibukanye gatoya, ibituma ...
    En savoir plus
    Prev Next